Agathon Rwasa agiye kwunguruza urubanza rwiwe

Hon Agathon Rwasa ntiyishimiye ivyashikirijwe na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro, kandi ngo azokwunguruza urubanza yari yashinze nubwo ata kinini yiteze.

Agathon Rwasa, leader of the National Congress for Liberty (CNL), speaks to media after filing a petition agains the result of general elections.

Agathon Rwasa, leader of the National Congress for Liberty (CNL), speaks to media after filing a petition against the result of general elections. Source: Getty Images

Hon Rwasa Agathon, hirya yuko umugambwe wiwe CNL utakiriye neza ivyashikirijwe na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro, yamenyesheje ko atabwo azokwunguruza urubanza yari yashikirije iyo sentare nyene, ivyo akaba yabishikirije mu kirundi abicishije kuri radiyo na televiziyo vy;igihugu c'Uburundi RTNB. Aho ni mu gihe avuga yuko yari yayishikirije iyo sentare ivyemezo vyerekana yuko amatora yibwe. Itariki 4 Ruheshi uno mwaka, sentare yashashe yuko Gen Major Evariste NDAYISHIMIYE ariwe yatsinze amatora yo kuwa 20 Rusama 2020.
 
Ariko mu kiganiro yahaye ijwi ry'amerika, Agathon Rwasa asa nkaho yisubiyeko aho yabwiye iyo radiyo yuko nubwo atazi igihe ngo ariko azokwungururiza urubanza rwiwe muri sentare y'Afrika y'ubuseruko nubwo ata kinini yizeye yuko iyo sentare izohindura muvyashikirijwena sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro mu Burundi. Rwasa aremeza yuko mu vyemezo afise abona yuko ariwe afise itsinzi ku majwi 58%. Ariko murico kiganiro ntiyashoboye gutomora igihe azoshikiriza iyo sentare yo muri Afriaka y'Ubuseruko urwo rubanza rw'umugambwe arongoye CNL.
 

Ivyo bir'uko mu gihe abakuru b'ibihugu bo mu karere bamaze ku rungikira ubutumwa bwo gukeza uwatowe mu matora aherutse i Burundi ariwe Gen Major Evariste Ndayishimiye. Murabo hakaba harimwo ibihugu nka Tanzania, Uganda,Rwanda, Kenya harimo n'umunyamabanga mukuru wa reta zunze ubumwe z'Amerika

Izindi nkuru



Share
Published 6 June 2020 5:30pm
Updated 16 June 2020 12:44pm
By Jean-Paul Amedee Nizigama
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama

Share this with family and friends