Perezida Alassane Ouattara wa Cote d'Ivoire yafashe ubutegetsi mu mwaka wi 2010, nyuma yaho mugenzi we Laurent Gbagbo yanse kwemera yuko yatsinzwe mu matoro ico gihugu cari kirangije. Icemezo ca Laurent Gbagbo, kwanka kurekura ubutegetsi cabaye imbarutso y'imfu z'abantu ba baba 3000.
Mw'ijambo Alassane Ouattara yashikirije kuwa kane, yarashoboye kumenyesha abari ngaho yuko atazokwiyamamariza ikindi kiringo kigira gatatu mu kw'icumi, ubwo Cote d'Ivoire izoba iramutse ija mu matora yo kurondera uwuzorongora ico gihugu. Iryo jambo rikaba ryarangije impari zari zimaze igihe kubijanye na kazoza kuwomu perezida muri poritike.
Mwomenya yuko musi mike iheze, Ouattara yari yashikirije yuko azitoza mu gihe abo bari bahanganye bakwitoza murayo matora, abatavuga rumwe na reta bakavuga yuko ibwirizwashingiro ritamurekurirra kwitoza mu kindi kiringo kigira gatatu. Ariko kandi akaba yari yaravuze imbere y'abanya mategeko yuko atazitoza ubugira kandi nyma y'imyaka 10 ari murayo mabanga y'umukuru w'igihugu.
Mw'ijambo yashikirije ku mugwa mukuru i Yamoussoukro perezida Alassane Ouattara yavuze ati:" Nahisemo kutazoba umu kandida mu matora twimirije mu kw'icumi uno mwaka. Ahubwo nditeguye gushikiriza ubutegetsi urundi runganwe."