Nubwo bamwe mubanye Australiya batakaje ubuzi bwabo bivanye n’impanuka ikiza koronavirus cagize ku vyerekeye ubutunzi bwabo, abandi barimuriye ibikorwa vyabo vya misi yose mu rugo iwabo.
Stephanie Barr n’umuhinga mu bijanye no kumenyekanisha ibidandazwa asanzwe aba muri Melbourne we akorera muhira umwanya wose.
“Kuba narigeze gukorera mu rugo, nta cumba na kimwe nagize ibiro nyezina,”Yavuganye na SBS News.
“Mu riki gihe ndiko ndakorera mu rugo umwanya wose, hama umushingantahe wanje nawe akaba akenera ibiro vyo muhira rimwe na rimwe, ivyo bizotworohereza kuberako twese dushobora gusaba amafaranga makeya y’amatagisi,” ivyo bikaba vyashikirijwe na Stephanie
N’ibiki wemerewe gusaba?
Amamiriyoni y’abakozi arashobora kuzosaba uduce (cents) tungana 80 ku mafaranga bakorera kw’isaha bari mu rugo muriki gihe ca koronavirus, ariko kandi n’uburyo bwakera buzokora uko vyari bisanzwe biri.
Umuntu wese arashobora kuzosaba amafaranaga akoresha kugira ngo ashobore kurangura akazi kiwe ariko akayaharura afatiye kubiciro vy’umvikana kandi bitahuriste.
Utwo duce 80 kuri buri saha, tuzokora ku mafaranga yarenze ku kintu cose wakoresheje, ariko kandi birashoboka yuko umuntu ashobora kuzosaba amafaranaga y’amatagisi hisunzwe uburyo bwahahora bw’uduce 52 kw’isaha. Uburyo bushasha ibiro vy’amatagisi buzokoresha bazoshiramo uburyo umuntu akoresha mu kuriha umuhira (interineti), uburyo ukoresha mu gukora isuku, ibikoresho vyo mu biro, terefone hamwe n’ibindi woba waraguze.
N’ayahe matariki yegwa nizo ngingo nshasha?
Karen Foat n’icegera ca komiseri akora mu biro bijejwe amatagisi muri Australia (Australian Tax Office), yamenyesheje yuko izo ngingo zizofatira kuva itariki ya 1 Ntwarante 2020 gushika ku mpera z’umwaka w’ivy’ubutunzi.
“ Turipfuza yuko vyorohera abantu,” akaba yongeyeko.
"So it's not really, for us, about the number of people working from home, it is a very unprecedented situation that the nation finds itself in so we're just trying to respond to that."
“ Natwe si twebwe, canke igitigiri c’abantu bariko barakorera mu ngo iwabo, n’ibihe bidasanzwe igihugu kirimo, rero natwe turiko turagerageza kwishura bivanye n’ibihe turimo.”
Michael Sukkar icegera c’uwujejwe ivy’ubutunzi yamenyesheje yuko iyo ngingo nshasha y’ivy’amatagisi ari “ingingo mfatakibanza yemeranijwe”, ariko Foat ntaramenyesha yuko iyo ngingo y’ivyerekeye amatagisi izokobandanya no mu wundi mwaka mu gihe reta yohamagarira abantu kubandanya bakorera mu rugo mu ntumbero yo kwirinda ikwirakwizwa ry’ikiza COVID-19
Ivyo utemerewe gusaba?
Ibiro bijejwe amatagisi vy’amenyesheje yuko umukozi atemerewe gusaba amafaranga y’amatagisi ku bikoresha akazi kamuguriye canke ngo basabe mafaranga ku bikoresho baguze hama bagasubizwa ayo babiguze.
Foat yangeyeko avuga yuko :"ntushobora gusaba amafaranga y’icayi ugura, ikawa nubwo umukoresha wawe yayitanga mu gihe wari mu kibanza wakoreramo, ntushobora gusaba ayo mafaranga eko nayo usanzwe urihira abana bawe mu bijanye n’indero yabo ntiwemerewe kuyasaba."
"Ntushobora gusaba ayo mafaranga kuko kuko ntasano afitaniye n’ibigufasha kwinjiza amafaranga uhembwa."
None izo ngingo nshasha zirashobora kuzokwamaho?
Ishirahamwe ryivy’ubutunzi CPA Australia ryipfuza yuko izo mpinduka zisanzwe zishobora kwamaho.
Paul Drum n’umuyobozi mukuru wiryo shirahamwe yavuze yuko abakozi bari bakoreye mu rugo imbere y’ukwezi kwa Ntwarante bashobora gukoresha uburyo bw’uduce 52 kw’isaha ku mafaranga bakorera
“ S’ikintu coroshe mu buryo bumwe, kuko ari ibikorwa bijanye no kwitararika ivy’ubutunzi vyaba yaba binini canke bitoya. Rero twiyumvira gusa gusaba amafaranga y’amatagisi hisunzwe amsaha umuntu yakoze. Uduce 80 kwisaha, n’ivyiza cane ugereranije n’izindi ngingo ziruhanije za kera nubwo izo ngingo za kera zidasubirijwe.
Yamenyesheje kandi yuko kuva itariki 1 Mukakaro umwaka uheze gushika iya 1 Ntwarante uno mwaka hazokoreshwa ingingo za kera.
Ariko yongeyeko yuko benshi batanguye gukorera mu ngo zabo ubwa mbere, rero kubw’iyo mpamvu, iyo ngingo nshasha irabereye gukoreshwa kuri bo.
“ Ugerageje kubiharura ukoresheje amafaranga, ugafata umuntu yakoze
amasaha 40 mu ndwi ugafatira ku duce 80 kw’isaha, uronka amafaranga 32 ku ndwi rero muri rusangi usanga ari amfaranga 512 ku muntu uhereye ubu gushika mu mpera z’umwaka wivy’ubutunzi, rero ntabwo ari amafaranga menshi.”
Barrs yavuze yuko ngo naho ingingo nshasha yorohereza benshi ariko ishobora kutamworohereza we co kimwe n’abandi nka we bari basanzwe bakorera mu rugo.
“ Nibaza yuko kuri benshi bari basanzwe badakorera mu ngo zabo bizokworoha cane, ariko mu gihe wari usanzwe ukorera muhira ndabona ingene ingene bishobora kutakworohera gutahura.”
“ Uko biri kwose wisanga ufise amafaranga atari make, rero ndizera yuko bizohira benshi mur rusangi.”
Ni gute nosaba amafaranga y’amatagisi?
Umuntu wese akorera muhira akwiye kubika ama fagitire y’ivyo akoresha.
Ababisaba bazoshobora kwitunganyiriza amatagisi yabo kuva itariki 1 Mukakaro gushika Gitugutu ariko mu gihe bazokoresha ingingo nshasha, bazokwitwararike amafaranga bakorera kw’isaha muri ibi bihe vya COVID-19
Abantu muri Australia bakwiye kwiha 1.5 hagati yabo n’abandi bantu kandi amakoraniro yose ntakwiye kurenza abantu babiri kiretse uri kumwe n’umuryango wawe canke abo mu nzu yawe.
Namba wibaza yuko wanduye umugera, hamagara muganga (Ntujeyo) canke uhamagare ikigo national Coronavirus Health Information kuri 1800 020 080. Mu gihe woba ufise ibibazo bijanye no guhema hamagara 000.
SBS yariyemeje gushikiriza amakuru ama kominote atandukanye ajanye n’ikiza COVID-19 umusi k’uwundi. Ayo makuru aboneka mu ndimi 63 uciye kuri