Iyo application ijejwe gukora iki?
Iyo application igamije gufasha mu kurondera abantu banduye koronavirisi hamwe n’abantu bahuye nabo bamaza kwandura uyo mugera. Izofasha mu kumenya uwo wese yashoboye guhura n’umuntu yanduye biciye mu mwirondoro wawe ngendwanwa muri terefone, mu gihe uyo mwirondoro umaze gushikirizwa inzego z’abajejwe kubungabunga amagara y’abantu.
Uguhura kwabo bantu babiri bizokwiyandika/kwibika muri terefone ngendanwa iyo application nshasha yuguruye, mu gihe abo bantu ba biri batubahirije imetero n’igice hagati yabo, kandi yuko ukwo guhura kwabo kwamaze umwanya w’iminota 15.
Kwiyandikisha muriyo application yitwa COVIDsafe app ni kubushake. Reta irasaba yuko abenegihugu bose bagira iyo application kubera yuko uko benshi bayijako niko vyoroha kumenya uwufise uwo mugera.
Indongozi zizokoresha gute umwirondoro uri muri COVIDsafe?
Iyo application yashizweho kugira ngo ishobore gufasha mu kunyarutsa uburyo bwari busanzwe bukoreshwa bwo kurondera umuntu wese yahuye n’uwumaze kwandura COVID-19.
Ubu buryo bukaba buzofasha cane mu kugabanya ikwirakwizwa ry’uwo mugera haba mu miryango, incuti hamwe n’abandi bose muri za kominote zacu utabizi.
Abarongozi b’intara bajejwe amagara y’abantu bashobora kuronka uburenganzira ku makuru yiyo application mu gihe umuntu vyemejwe yuko yanduye kandi atanze uburenganzira kugira ngo bashobore kuronka umwirondora uri muri terefone ngendanwa yiwe. Abajejwe amagara y’abantu bashobora gukoresha amakuru yo muriyo application mu ntumbero yo kumenyesha uwo wese akwiye kuja ukwiye canke gusuzumwa kubera yuko bishobokako yanduye.
COVIDSafe app niyo yonyene yemewe na reta ya Australia kugira ngo ishobore gukurikirana uwo wese ashobora kuba yanduye. Wipfuza amakuru menshi ja kuri COVIDSafe app Health Department website.
N’uwahe mwirondoro ushobora gutanga biciye muri COVIDSafe app?
Mugihe abantu bashoboye kuronka (download/ télécharger) iyo application, barashiramo amazina yabo, nimero ya terefone ngendanwa yabo, hamwe n’inimero ziranga igisagara barimo (postcode) hama bagahitamo ikigero c’imyaka barimo. Baraheza bakaronka ubutumwa bugufi baheza bakemeza gutyo bakaba barangije kwironkera iyo application k’ubuntu.
COVIDSafe iramenya canke iratahura izindi terefone ngendanwa canke aho hose iyo application iri mu gihe ikizwi nka Bluetooth cuguruwe. Mugie iyo application iri muri terefone yawe imenye canke itahuye iyindi terefone irimwo, ica yimura amatariki, isaha, umwanya uri hagati yawe n’uwo wundi muntu eka n’umwanya mwamaranye hama ikimura na “code” yuwo wundi muntu. COVIDSafe application ntabwo ifata canke ibika ikibanza war’urimo.
Reta ya Australia iramenyesha yuko uwo mwidondoro wawe ukingiwe mu buhinga buhanitse kandi yuko n’akantu gatanga uburenganzira k’uruwo mwidondoro wawe kaba kari muri terefone yawe ngendanwa. Ayo makuru y’uwundi muntu terefone ngendanwa yawe iba yafashe iyabika mu kiringo c’imisi 21. Ico kiringo harimwo n’umwanya wo kwemeza neza yuko utanduye co kimwe n’umwanya wo kwisuzumisha.
Habiki mu mwanya uwukoresha iyo application yanduye?
Iyo umuntu asuzumwe kandi bikemezwa yuko yanduye COVID-19, ya makuru yawe akingiwe ari muri ya application azoca yunguruza aje ahandi hantu hasanzwe habitse ayandi makuru menshi nahonyene hakingiwe kandi cane, mu gihe nyene kuyikoresha atanze uburenganzira. Abajejwe amagara y’abantu mu ntara bazoheza bakore ibi bikurikira:
- Gukoresha umwirondoro wabo bose iyo application yabiste kugira ngo babashe kurondera uwo wese yahuye nawe.
- Guhamagara hama bakabamenyesha canke bakamenyesha abavyeyi babo canke abarezi yuko bashobora kuba banduye.
- Gutanga impanuro ku ntembwe ikurirkira, harimwo:
- Ico wokwitega
- Ryari,gute na hehe woja kugira usuzumwe
- Ico wokora kugira ngo ukingire incuti n’umuryango ntubanduze
- Abajejwe aamagara y’abantu ntibazovuga izina ry’uwanduye.
Ukaba ufise amakenga kuvyerekeye umwirondor wawe, soma ngaha Privacy Policy.
Abantu muri Australia bategerezwa guhana umwanya w’imetero 1.5 hagati yabo kandi amakoraniro akaba yemewe ku bantu ba biri gusa kiretse uri kumwe n’umuryango wawe canke abo mubana mu nzu imwe.
Namba uzi yuko wanduye umugera corona, hamagara muganga wawe (ntegendeyo) canke uhamagare igisata c’amagara y’abantu kijejwe gutanga amakuru kuri Coronavirus uciye ku nimero 1800 020 080. Ukaba ufise ikibazo co guhema canke ufashwe bukumbi n’indwara hamagara 000
SBS mu kirundi yiyemeje kugushikiriza amakuru yo kwizera aguha ubumenyi bukwiye kubijanye ni ikiza COVID-19. Iki ni icegeranyo c'ivyo ukwiye kumenya kuri Coronavirus, urashora kugisanginza abandi muri kominote yawe.
SBS yiyemeje kumenyesha za kominote canke imiryango itandukanye muri Australia ku bijanye n’ikiza COVID-19 k’umusi k’umusi. Amakuru atandukanye woyasanga mu ndimi 63 kuri sbs.com.au/coronavirus.
SOURCE SBS NEWS, AUSTRALIAN GOVERNMENT DEPARTMENT OF HEALTH