Mw’itanganzo reta y’Uburundi yaraye isohoye ryasigura ibijanye n’urunpfu rwa Pierre Nkurunziza, rivuga yuko yitavye Imana k’umurango w’umusi wa mbere itariki 08 Ruheshi 2020.
Iryo tanganzo rikavuga yuko yahitanywe n’umutima wahagaraye bukwi na bukwi.
- Pierre Nkurunziza yahitanywe n’iki
- Umukuru w’igihugu c’Uburundi yapfuye
- Uburundi mu kigandaro c’imisi indwi
Kw’itariki 06 Ruheshi 2020, iryo tangazo rimenyesha yuko Nkurunziza yariko arakurikirana urukino rw’umupira wa maboko (Volley ball) I Ngozi. Mw’ijoro ryo kuruwo musi nyene rishira uwamungu w’itariki 07 Ruheshi 2020 niho uwo umukuru w’igihugu c’Uburundi yumva atamerewe neza hama acagenda ku bitaro biri mu ntara ya Karuzi kwivuza, nkuko reta ibandanya ibishikiriza.
Reta ikabandanya ivuga yuko kuwa mungu w’iatriki 07 Ruheshi, Pierre Nkurunziza yari yorohewe kuburyo yabashije no kuvugana n’abari bamwegereye.
Ryamenyesheje riti ‘ ku buryo bidasanzwe, k’umusi wa mbere w’itariki 08 Ruheshi amasaha y’imbere ya sasita, yakitswe n’amagara bukwi na bukwi ku buryo umutima wiwe wahise uhagarara.’
“Abaganga baragerageje uko bashoboye kugira ngo bashobore kumusubizamo impwemu z’abazima biranka’’, niko ryabandanije rivuga.
Reta ya Gitega ibicishije muriryo tanganzo nyene yashize imisi indwi y’ikigandaro itanganza kandi yuko amabendera yose mu gihugu azoduzwa kugeza hagati.
Ivyo bibaye mu gihe hari amakuru avuga yuko umutambukanyi wa nyakwigendera yahoze arongoye igihugu c’Uburundi Denise Bucumi Nkurunziza yoba arwariye I Nairobi ariko gushika ubu hakaba ata tangazo na rimwe ribeshuza ayo makuru canke ngo riyemeze.