Feature

Mu gihe ici ryegereje, Australia yoroheje ingingo za COVID-19 mu ntara n'ibisagara hose

Ingingo zafashwe mu kurwanya coronavirus muri Australia ziriko zirahinduka. Zihinduka bivanye naho uri kuko intara n'ibisagara bihindura bifatiye kubikenewe. Ngizi ingingo zigezweho muri buri ntara hamwe n'ibisagara.

People having vacation in time of Coronavirus pandemic, wearing protective face masks and keeping social distancing

People having vacation in time of Coronavirus pandemic, wearing protective face masks and keeping social distancing. Source: Getty Images

Iyi nkuru ibandanya ishirwa kugihe umwanya k’umwanya kandi tugasaba yuko woraba amakuru atandukanye avuga ku intara kuyindi kugira ngo umenye ibikwiye co kimwe nico ukwiye kwitega


Victoria –Iyoroshwa z'ingingo zo kurwanya ikiza corona

Ingingo zo kurwanya ikiza koronavirusi zitera zoroshwa ku rugero rutandukanye muri Melbourne hamwe no hagati muriyo ntara.

  • Igisagara ca Melbourne: Kuva kuwa Mungu itariki 27 Nyakanga, igihe c’isaha zitanu na 59 (23h59min),intambwe ya kabiri yo kurwanya ikiza izoshirwa mu ngiro mu gisagara ca Melbourne.
  • Hagati mu ntara ya Victoria : Uhereye kuwa Gatatu, itariki 16 Nyakanga, kuva isaha zitanu na 59 (23h59min), intambwe igira gatatu izoshigwa mu ngiro mu bice vyose vyo hagati muriyo ntara ya Victoria.
Intambwe zo kwinjira mu bihe bisanzwe (Hisunzwe impanuro z’abajejwe amagara y’abantu)

Intambwe ya mbere- Yahagaritswe

Intambwe ya kabiri- Igisagara ca Melbourne (28 Nyakanga)

“Social bubbles”, itunganywa ryo gusubira mu kazi hamwe no ku mashuri.

  • Ikiringo c’amasaha ntarengwa cari kiriho muri Melbourne cakuweho kuva isaha cumi n’imwe z’agatondo kuwa 28 Nyakanga.
  • Uwo wese azorenga ku ngingo ijanye no kwakira igitigiri c’abantu bemewe haba hanze canke mu rugo azohanwa vy’akarorero (raba ibijanye “n’ihadabu” musi)
  • Impamvu zine ziguha uburenganzira bwo gusohoka iwawe mu rugo zahagumye. Nubwo bimeze bityo zimwe mu ngingo zahindutse:
     - Gusuma ibipfungurwa co kimwe n’ibindi vyankenerwa

     - Imyimenyereza yo hanze canke ibindi bikorwa vyose bihuza abantu urikumwe nabo mu nzu yawe canke mutarenze batanu (nawe urimwo hafatiwe ku nzu zibiri) kandi kiretse udafata urugendo rurenza ibirometero bitanu. Ibi bitegerezwa kubera mu kibanza rusangi kandi iyi ngingo nyiyega inyuma mu kigo k’umuhana w’umuntu canke ku mbuga yiwe hafatanye nuwo muhana.

     - Abemerewe gukora, n’izindi moamvu zega uburezii bw’indero y’abana kwishure. Mur’ivyo hakaba harimo kuvugana n’abanyeshure, amarerero y’abana bakiri bato (amashuri bita ikiburamwaka) canke serivisi z’ikurikirana indero z’abana bakiri bato inyuma y’amasaha y’akazi

    - Kwitwararika abandi, ibikorwa vy’impuhwe canke kurondera ubuvuzi kwa muganga.

  •  Ku banyeshure, ukwigira mu rugo co kimwe no kwiga mu buryo bworoheye umunyeshure wese burabandanya ku rugero rwa kabiri, igihe igice ca kane kizotangura, kiretse abiga muw’11-12.
  • Mu gice ca kane, uhereye itariki 12 Gitugutu, hariho umuce w’abanyeshure bazosubira mw’ishuri uhereye mu mashure y’intango gushika mu wa gatandatu, VCE (abari muw’11-12 harimwo n’abazokora VCE canke ivyigwa VCAL) co kimwe n’amashuri adasanzwe.
Guma mu rugo kenshi gashoboka. Igihe cose usohotse mu rugo koresha agafukamunwa, kiretse mu gihe ufise impamvu zemewe n’amategeko yo kutambara agafukamunwa.

Intambwe ya Gatatu(16 Gitugutu)

Ibisagara vyo hagati muri Victoria

Kwongereza umuvuduko mu kwugurura ibibanza biberamo inkino, imanza zitandukanye co kimwe n’ibibanza vyo kwisamaza hatibagiwe n’ibindi bibanza bidasanzwe

  • Nta ngingo zifatira uwushaka kuva mu rugo
  • Mu gihe uri kumwe n'abandi, ni muhurire (kuganira, kunywana,...) hanze y'inzu aho hose bishoboka.
  • Abantu 10 nibo bemewe mu makoraniro yo hanze.
  • Urugo rwemerewe kwakira abashisi bavuye mu rundi rugo rumwe gusa (bashobora kwakira abashika 5)
  • Amashuri yose agiye kwugurura kuva mu gice 4 ariko hakurikijwe amabwirizwa yo kwikingira.
  • Ahakorerwa ibikorwa vyo kwakira abantu bahimirize ibikorwa bibera hanze gusa.
  • Amaduka yose kwugurura kiretse ayitwararika ubwiza bwo k’umibiri y’abantu. (aho batunganya imishatsi baremerewe kwugurura)
Ibisagara vyo muri Melbourne

Kwugurura amahinguriro manini manini, kwugurura amashuri, ibibanza biberamo inkino, ivyo kwisamarizamo, imanza, hamwe n’imanza zidasanzwe.

Intambwe ya nyuma 

Intara yose

Kwongereza ibitigiri vy’amakoraniro yemewe hamwe n’izindi manza.

Ibihe bisanzwe hamwe na COVID

Nta ngingo ngenderwako ku makoraniro, abashitsi hamwe n’inkino

“Ibihe bisanzwe hamwe na COVID” bisigura:

-       nta muntu yanduye mu kiringo c’imisi 28

-       nta mu rwayi (mu ntara yose)

nta kwicura yuko hotera ikindi kiza mu gihugu cose

Ibi vyega abasanzwe baba mu ntara ya Victoria bose

Abasuzumwe hamwe n’abantu bahuye n’abanduye

Abantu basuzumwe bagasanganwa coronavirus bategerezwa kwishira mu kato hamwe n'abantu basanzwe ba bana n'abanddi bantu basuzumwe hama bikemeza yuko banduye nabo bakwiye kwishira mu kato.

Hariho ingingo zega ibitaro. Abakozi basanzwe bahakora co kimwe n'abakora ibikorwa vyo kwitanga baremerewe kwinjira, ariko hashizweho ingingo zibuza abafise imyaka runaka co kimwe  haba ku myaka co kimwe n'ibitigiri vy'abantu bemerewe kwinjira gusura abarwayi, hamwe n'umwanya bakwiye kuhaguma: 

Ihadabu

Ihadabu ingana $5,000 ku makoraniro yose atemewe.

Umuntu atazokwambara agafukamunwa azoriha ihadabu y’amadorari AUD $200. Abantu basanzwe baba mu ntara ya Victoria batazokwishira mu kato inyuma yo gusuzumwa no kwemezwa yuko banduye canke bakamenyekana ko begeranye n’uwanduye bazotegerezwa kuriha ihadabu y’amadorare AUD $4957

Bivanye n’amakosha wagirizwa, ihadabu irashobora guskikana AUD$ 20, 000.

Udufukamunwa

Ukwambara agafukamunwa biracari itegeko, iyo ngingo ikaba yashizweho umukazo kugira ngo bahimirize abantu kutwambara neza dufutse amazuru n’umunwa. Inkinzo zo kwifuka mu maso gushika ubu ziracemerwa kuko zigifatwa nk’udufukamunwa, ariko mu misi mike ukwipfuka mu maso ntikuzokwemerwa. Hazoshirwaho ikiringo c’ubuntu gushikaho iryo tegeko rizoshirwa mu ngiro.

Ukwambara agafukamunwa singombwa ku bana bari musi y’imyaka 12

Amakuru menhsi kuvyereke udufukamunwa:  

Gushigikira mu buryo bw’amafaranga

Agahembo kazohabwa abafashe akaruhuko bitewe n'ikiza COVID-19 kazosubirira umugambi reta yari yamenyesheje wo gushigikira abatakaje akazi amadorare angana $1,500

Abakozi bo mu ntara ya Victoria bazoronswa agahembo kama $300, harimwo abavyeyi co kimwe n'abarezi bategetswe kwishira mu kato mu kurindira yuko inyishu z'ibipimo bafashwe ziboneka.

Umukoresha

Kuva itariki 28 Nyakanga 2020, zimwe mu ngingo zigenga akazi zizokoroshwa hose mu ntara ya Victoria, ariko habanje kwisungwa impanuro z’abajejwe amagara y’abantu.

Igisata co kwunguruza abantu hakoreshejwe gari ya Moshi yo muri Melbourne gifise ingingo zigenga ico gisata, bivanye n’ibitigiri vy’abamaze kwandura murico gisagara.

Amashuri

Intambwe zitandukanye kugira ngo amashure asubire kwugururwa bitegekanijwe mu gice ca 4.

  • Abanyeshuri bari mu mashure adasanzwe co kimwe n’abari mu mashuri y’intango gushika muri mato mato muwa 6 bazosubira kw’ishure uhereye itariki 12 Gitugutu
  • Abazokora ibibazo VCE canke ivyigwwa bizwi nka VCAL baosubira kw’ishuri uhereye itariki 5 gitugutu, hama batangure ivyigwa itariki 12 uko kwezi nyene.
  • Ku banyeshuri bari mu mashure y’isumbuye,kworohereza no kwigira mu ngo zabo bizobandanya ku rwego rugira kabiri mu gihe igice kizotangura, kireste abo mu mwaka wa 11-12.
Amarerero y’abana.

  • Ibigo vy’amarerero y’abana  bizokwugurura imyango yabo ku bana bose, kandi ingingo y’ibirpmetero 5 ntizoshigwa mu ngiro.
  • ngingo yo kwitwararika umwana umwe gusa ku basanzwe barere abo bana mu rugo rwabo izokurikizwa.
Intara kuba mu bihe vy'akaga kandi bidasanzwe

Ikiringo c’itanganzo ryo kumenyesha yuko intara ya Victoria iri mu bihe vy’akaga kandi bidasanzwe congerejwe kuva itariki 13 Nyakanga, igihe c’isaha zitanu na 59 (23h59min) gushika 11 Gitugutu 2020.

Ibihe bidasanzwe

  • Guha igiporisi ubushobozi burenze hamwe no kwemerera uburongozi guhagarika ibikorwa vy’inama nshingamateka.
  • Reta ihabwa uburenganzira butomoye neza bwo gushiraho amasaha ntarengwa yo gusohoka no kwinjira.
  • Guha ubushobozi igiporisi nk’umurongozi arekuriwe n’amategeko, hama hagakurwaho itegeko ryakoreshwa kuburyo wasanga igiporisi gitegerezwa kudakoresha umukazo mu gusaba gushira mu ngiro itegeko kanaka

Intara ya New South Wales

Bishasha ku bijanye na COVID-19 muri NSW

  • Usabwe kwishira mu kato ubwo nyene mu kiringo c’imisi 14  mu gihe woba uheruka ahantu  ahariho hose habonetsemo COVID-19
  • Suzumwa nubwo woba udafise ibimenyetso.
  • Guma uraba yuko udafise ibimenyetso vya COVID-19, hama wongere wisuzumishe  mu gihe cose ubonye ikimenyetso cigaragaje.
  • No mu gihe igipimo cerekanye yuko utanduye, utegerezwa kwigumiza mu kato mu kiringo c'imis 14.
Agahembo ko mu bihe bisanzwe bitewe vy’ikiza

  • Abakozi bo mu ntara ya NSW bemerewe $1,500 y’agahembo ko mu bihe bidasanzwe vyatewe n’ikiza mu gihe badashobora gukora kuko bategerezwa kwishira mu kato.
  • N’amafaranga yo gufasha abakozi mur’ico kiringo c’imisi 14 bazoba bishize mu kato.
Amakoraniro yemewe

Abashitsi 20 imbere mu nzu hama abandi 20 nyene mu makoraniro rusangi yo hanze.

Amakoraniro nyobokamana:igitigiri c’abantu bemerewe gukoranira hamwe ntigikwiye kurenza abantu 100, hisunzwe  amabwirizwa y’umuntu umwe kuri metero kwadarato.

Imanza zo gushingira abageni: Igitigiri c’aantu ntigikwiye kurenga abantu barenga 150 hisunzwe itegeko ry’umuntu kuri metero kwadarato hongeweko no kwiyandikisha nk’ingingo ngo hagize ikiba uwanduye abashwe gukurikirwanwa biciye mu mugambi unzwi nka COVID-Safe.

Ibirori vyo gusezera uwitavye Imana ubwanyuma co kimwe n’izindi manza zo kwibuka: Igitigiri cemewe gikwiye kuba kitarenze ubushobozi bw’ico kibaza kandi naho hubahirijwe umuntu umwe kuri metero kwadarato canke abantu 100.

Ubudandaji hamwe n’ibikorwa bibera mu bibanza vyo kwisamarizamo

Ibibanza vyo kwinonoreramo imitsi bitegerezwa:

  • Kwiyandikisha mbere bikaba binafise imigambi itomoye yerekana ingene bazohangana n’ikiza mu mugambi wiswe “COVID Safety Plan”
  • Bitegerezwa kugira umugambi wo kurwanya ikiza uzwi nka COVID-19 “Hygiene Marshal” utegerezwa kuharangwa ibihe vyose (umukozi umwe ategerezwa kuba uwujejwe uyo mugambi kandi agategerezwa kuba ari mu myambaro yabigenewe.
Utubare, ibibanza vyo gufunguriramo, naho banywera, aho bahingurira ibinyobwa, casino, ibirabo, utubare duto duto na casino

- Kutarernza igitigiri c’abantu 10 ku bashaka gufata ikibanza imbere y’igihe mu buriro rusangi.

- Imanza z’ubugeni co kimwe n’imisi mikuru y’amashirahamwe atandukanye  ntakwiye kurenza abantu 150, hatibagiwe gushira mu ngiro ingingo y’umuntu umwe kuri metero kwadarato.

- Imanza zo gusezera uwitavye Imana co kimwe n’amakoraniro nyobokamana ntakwiye kurenza abantu 100 

  • Hisunzwe ibigezweho mu magara y’abantu, inkino nkuru nkuru zibera ku bibuga vyatoranijwe zirashobora kwongereza igitigiri c’abantu kuva ku bice 25 gushika kuri 50 kw’ijana (abarorerezi bashika 40,000) kuva itariki 1 Gitugutu 2020.

  • Ibibanza mpunzamiryango biberamo inkino z'abana n'abakuze vyasubiye gutangura hamwe n’iyoroshwa z’ingingo mu ntara ya NSW kubw’imiryango (community) ikora inkino. Kuva kuwa Gatandatu, itariki 26 Nyakanga umuvyeyi/umurezi arenze azoba aremerewe kuraba aho umwana wiwe azoba ari mu nkino.
  • Abazoba bariko bararaba inkino bateregezwa kwiha imetero 1.5 hagati yabo n’abandi bantu canke bambare agafukamunwa mu gihe bidashoboka kwiha umwanya.
Ingendo

NSW yugaye imbibe zoyo na Victoria. Umuntu agarutse mu ntara ya NSW avuye muri ntara ya Victoria  ategerezwa gushirwa mu kato mw’ihoteri mu kiringo c’indwi zibiri.

Ibiciro vyo kuriha kur’uwo wese yishize mu kato mw’ihoteri vyari vyakuweho mu kiringo c’ukwezi, vyasubijweho kuva itariki 11 Nyakanga.

Abasanzwe baba ku mipaka barashobora gusaba uburenganzira bwo kwinjira mu ntara ya NSW

() kugira ngo bashobora kwambuka baja binjira mu ntara ya NSW, hisunzwe amategeko y’abasanzwe baba ku mbibe z’intara ya Victoria:

  • aremerewe kwinjira no kuguma mu ntara ya NSW ari mu vy’akazi gusa, amashuri, kwivuza canke gutanga ubufasha mu bijanye no kwitwararika abantu basinzikaye,
  • kandi ntiyemerewe gutembera ahandi hantu hose hanze y’ivyo bice bihana imbibe n’intara ya NSW
  • kandi ntiyemerewe kwinjira mu ntara ya NSW mu gihe yoba yarakoze ingendo muri Victoria hanze y’imbibe mu kiringo c’imisi 14 iheze.
 Raba ngaha namba uba mu bibanza bizwi nk’imbibe: 

Abantu baje bava hakurya y’amazi binjira mu ntara ya New South Wales bavuye mu mahanga bazotegerezwa kuja mw’ihoteri mu ntumbero yo kwishira mu kato mu kiringo c’imisi 14 ku buryo birihiye bungana  amadorare ya Australia (AUD 3000)  

Hashizwe ubufashwa kubasanzwe:

    - muri za kominote ziba ku mipaka

    - batanga serivisi ngirakamaro

   - baba murizo ntara zose baciye muri  NSW

  • Abava muzindi ntara barashobora kugenda mu karuhuko mu ntara ya NSW ariko bamenye yuko bategerezwa kwubahiriza amategeko y’intara bavamo mugihe basubiye basubiye inyuma.
  • Ama parikingi y’imiduga izwi nka karavane (caravan) co kimwe n’ibibanza  vya ‘camping’ vyuguye  Ingenzi zipfuza kugendera ibigo vy’inyamaswa boraba kuri   kugira umenye vyinshi. 
  • NSW yashizeho ibihano bikomeye kubasanzwe baba ku nkengera z’imbibe izo ntara zisanzwe zihana na cane cane abagerageza kwinjira mu ntara ya NSW bihushanije n’amategeko yatanzwe n’inzego zijejwe amagara y’abantu.
  • Iri tegeko rikaba ribuza abashaka gufata ingendo ziva muri  Melbourne na cane cane ahasugerejwe n’umegera corona bashaka kwinjira muri NSW, kiretse ari uwusanzwe aba muri NSW canke akaba azanywe n’ibikorwa vy’impuhwe.
  • Mu kiringo c’imisi 14 iheze namba waraciye mur’ivyo bice umugera corona wadutsemo kandi, harimwo n’abasanzwe baba mu ntara ya NSW, bategetswe kwishira mu kato mu mihana yabo mu kiringo c’indwi zibiri.
  • Kuja kuramukanya mu mazu asanzwe abamo abageze mu zabukuru canke ibigo bikingira amagara y’abantu birabujijwe.
  • Umuntu wese afashwe yakoze ibihushanije niryo tegeko ashobora  gufungwa amezi atandatu mu gasho canke agatozwa ihadabu y’amadorari  $11,000
  • Ibibanza ama “caravan” asanzwe aparika mo co kimwe n’ibibanza vyagenewemo ku rara bizwi nka “camping grounds” navyo biruguruwe
  •  Ingenzi z’ipfuza kuja gutembera mu ma “national parks” bakwiye kuraba
Amakuru menshi:  

Amashuri

Umunyeshure wese wo mu Ntara ya NSW  afise ibimenyetso  vya COVID-19 ntiyemwe gusubira  kw'ishuri kandi ategerezwa kwisuzumisha akazogaruka aruko basanze ata mugera afise.

  • Abasanzwe bigisha umuziki n’ibindi baza bavuye hanze y’ibigo vy’ishure barashobora /baremerewe kubandanya batanga izo nyigisho ku mashuri
  • Amashure yahora akoresha ibibanza mpuzamiryango mu bijanye n’ugutamba ubu aremerewe gukoresha ibigo vyayo
  • Serivisi zisanzwe zifasha mu gushigikira za porogaramu z’ibanze hamwe n’abasanzwe bakora ibikorwa vy’ubuhanuzi birashobora kubandanya.
  • Ibikorwa vy’inkino z’amashuri co kimwe n’inkino zihuza amashuri hamwe n’izindi nkino zirashobora kuzotangura mu ntango c’igice ca gatatu kw’itariki 20 Mukakaro 2020, hisunzwe ingingo zijanye no gutanguza ibikorwa vyo kwinonora muri kominote.
  • Umunyeshuri wese wo mu ntara ya NSW afise ibimenyetso vya COVID-19 ntazokwemererwa gusubira kw’ishuri gushika asuzumwe bikemeza yuko atavyo agifise
  • Ibori bibera ku mashuri nk’intambo, ibirori vyo kurangiza amashuri, hamwe n’ibindi vyose ntivyemewe.
  • Ibigo vy’amashuri bizogira ukujahamwe kw’abari muw’12 ariko at’abavyeyi bemerewe (barimo) mu ntumbero yo kwerekana yuko barangije umwaka
  • Hemerewe kubandanya ahatanga ivyigwa canke izindi serivisi na porogaramu biri ngombwa
  • Ibikorwa mpuz’amashuri bitegerezwa kugumaho ariko biri muri kominote
  • Abavyeyi/abarezi co kimwe n’abandi bashitsi batari ngombwa ntibemerewe mu bigo vy’amashuri.
  • Imirwi yose (korare) hamwe n’iyivug’amazina, hamwe n’ibikorwa vy’imirwi bisaba gukoresha umuyaga navyo ntivyemewe.
  • “canteens hamwe naho bagurisha ibindi bikoresha vy’ishuribarashora kwugurura ariko bahawe uburenganzira n’umuyobozi w’ikigo
  • Ibikorwa vy’ishuri bibera hanzwe y’ikigo bidasaba ukwegeranako canke gukoranako biremewe. 
Amakuru menshi kuri NSW:

Vyinshi ku Ntara ya NSW: 

Intara ya Queensland

Ibikorwa vy’amashuri

Ibikorwa vy’amashure vyahagaritswe, nka: ibikorwa bitunganijwe, amahiganwa ndangiza mwaka y’imiziki abera muri azwi nka Gold Coast festival.

Imirwi mito mito y’abakiri bato baremewe gufata icumba ahantu hegereye aho basanzwe baba, ariko ibikorwa vy’amashuri bikaba vyahagaritswe

Amakoraniro yemewe

Intambwe ya 5 yerekana uko uburongozi bw’intara ya Queensland buzohangana n’ikiza coronavirus izotangura muri Munyonyo itariki 1. Iyo ntambwe ikazoha uburenganzira abantu 40 guhurira mu makoraniro ahantu, hamwe na 40 bemerewe kwitabira ubugeni bakanatamba.

Kuva itariki 25 Nyakanga 2020, isaha indwi z’agatondo (1am), nta ngingo ya reta ya Queensland n’imwe izoba ibuza kwinjira mu karere kanaka kubera COVID-19.

Zimwe zimwe mu ngingo zafashwe zizoguma zikurikizwa hisunzwe:

  • Ukwishira n’ukwizana hamwe n’amakoraniro: (Gushika mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu)
   -Igitigiri c’abantu batarenze 30 mu rugo iwawe, harimwo n’abawe bo mu    nzu yawe. Abashitsi bashobora kuba bavuye mu yindi miryango itandukanye.

  -Amakoraniro rusangira atarenza igitgiri c’abantu 30 nawe ubwawe urimwo co kimwe n’abo mu nzu yawe.

  •  Amazu abamo abari mu zabukuru:
-       Ivyankenerwa  bishasha ku basanzwe baba bakorera mu mazu y’abakukuruke.

-       Abakukuruke bashobora kwakira abashitsi bagera kuri babiri icarimwe. Nta gitigiri ntarengwa c’incuro ashobora gusurwa ku musi canke amasaha bashobora kuhaguma.

  • Gusura abari mu bitaro (Hospital visits)
-       Abashitsi babiri barashobora  gusura umurwayi mu bitaro umwanya wose, igihe cose bipfuza kuhasigara mu masaha yagenewe gusura abarwayi mur’ivyo bitaro. Abantu barenze babiri baremerewe gusura umurwayi aba ari ku mpfiro.

  • Amazu asanzwe abamo abagendana ubumuga
Ubudandaji hamwe n’ibikorwa bibera mu bibanza vyo kwisamarizamo

Gushika Kigarama 2020, abasanzwe bakora imisi mike n’amasaha make mu ndwi bazohabwa agahembo ki AUD $1,500 na reta ya Queensland mu gihe bazosuzumwa bagasanga baranduye umugera wa Coronavirus.  Mbere murako gahembo harimwo n’abandi batari bemerewe kuronka agahembo kahawe abakozi kiswe “Jobkeeper Payment”, aho ako gahembo kahabwa abasanzwe bazwi yuko bamaze igihe kirekire bakora

Itegeko ry’umuntu umwe ku metero kwadarato ritegerezwa gushirwa mu ngiro ku:

  • Igitigiri c’abantu bari mu bibanza vy’ubudandaji (Ikibanza kidashitsa metero kwadarato 200, hategerezwa kwubahirizwa abantu 2 kuri metero kwadarato gushika ku bantu 50)
  • Ibibanza ndangakaranga, gallerie, ibibanza vyo gusomeramo ibitabo, hamwe n’ibindi bibanza vy’amateka ya kahise.
  • Inkino hamwe n’ibindi bibanza vyo kwisamaza canke amashirahamwe yo kwinonora imitsi mu gihe bafise umugambi wubahirizwa mu kurwanya COVID-19
  • Amarushanwa hamwe n’inkino zisabwa gukorano mu kibuga
  • Ibibanza vy’imbere mu nzu biberamo inkino
  • Abarorerezi bashika 25,000 canke 50% c’igitigiri ico kibanza kiba cemerewe kwakira (bategerezwa kuba ari bake) mu bibanza vy’inkino muri Queensland kandi bategerezwa kuba bafise umugambi wo kurwanya COVID-19
  • Ibibanza biberamo ibiteramo (canke ibice 50% vy’abasanzwe bemerewe kwinjira murico kibanza) hamwe n’umugambi wo kurwanya COvid-19
‘Outback’ (Ibibanza bidatuwe n’abantu umenga ni bugararwa)

Abantu 50 baremewe gukoranira hamwe bagomba gufungurira hamwe: ( Hisunzwe urutonde rwo  kurwanya COVID-19):

  • Uburiro, ubunywero bw’ivyayi, utubare, ibirabo vyemewe n’amategeko gukorera kumugaragaro, RSL-Ibirabo hamwe n’amahoteri akoreshwa n’abasanzwe baba murako gace gusa (utegerezwa kwerekana icemeza yuko uba ngaho mu micungararo) -Utubare n’imikino ibera ku nyabwonko ntivyemewe
  • Ingendo zitunganirijwe kuja mu bibanza bisa no mu bugararwa ‘outback’ zemewe kubasanzwe baba murutwo duce gusa.
Imiryango y’abasangwabutaka – ibibanza bikorerwamo ibikorwa vyo gukingira imigera hamwe n’ivyoza  bi bangamira ibinyabuzima ‘biosecurity areas’ 

Reta za buri ntara co kimwe n’abasanzwe barongoye abandi mu basangwabutaka bemeranije umugambi ugizwe n’intambwe zitatu ufise intumbero yo kworosha ingingo ku rwego rw’igihugu mu bibanza bikorerwamo ibikorwa vyo gukingira imigera hamwe n’ivyoza  bi bangamira ibinyabuzima.

Ingingo ya reta izwi nka ‘federal emergency biosecurity’ izokurwaho ku miryango imwe imwe y’abasangwabutaka hama iyo miryango ije mu cicaro c’umwumvikano na reta y’intara irimo

Ingingo zari zafashwe zo kwishira mu kato ku bashaka kwinjira mu bisagara hagati usanga bitabamo abasangwabutaka benshi zakurwaho, harimo Burke na Cook Shires navyo bitegerezwa kuzokwubahiriza iyo ngingo, aho ni mu gihe ibindi bice vyo mu ntara ya Queensland navyo biriko biriga imigambi yo kwirisha izo ngingo:

Ingingo zijanye no gufata ingendo

  • Kuva itariki 1 Gitugutu, Queensland yaguye imbibe zayo gushika muri Byron, Ballina, Lismore, Richmond Valley hamwe na n’uduce two muri Glen Innes.
  • Abasanzwe baba ku mbibe barashobora gusaba uburenganzira bwo kurengana gutyo bakaja gutembera muri Queensland atankomanzi, hama n’abasanzwe baba muri  Queensland barashobora kuja gutembera murivyo bibanza.
  • Intara ya Queensland yiteguriye kwugurura imbibe zayo kubaba mu ntara ya New South Wales uhereye itariki 1 Munyonyo, mu gihe hatogira uwandura muri NSW mu kiringo c’imisi 28

  • Imbibe z’intara ya Queensland ubu zuguriwe abasanzwe baba mu gisagara ca Canberra, hatarinze gusabwa kwishira mu kato k’imisi 14 mw’ihoteri.
  • Umuntu wese azoba avuye mu ntara ya Western Australia, South Australia, Tasmania, hamwe na Northern Territory ashobora kwinjira mu ntara ya Queensland ariko bategerezwa kwuzuza no gushirako umukono ku mpapuro zitangwa n’abakora kurizo mbibe hama bakongera bagasuzumwa ko banduye COVID-19 no mu gihe bokwerekana ibimenyetso
  • Abasanzwe baba mu ntara ya Queensland bazoba bagarutse bazotegerezwa kuja mu kato mw’ihoteri mu kiringo c’imisi 14 ku kiguzi cabo.
  • Umuntu wese aheruka mu gace vyavuzwe yuko hariho amahirwe menshi yo kwandura COVID-19 mu kiringo c’imisi 14 iheze harimwo n’intara ya Victoria, ntiyemerewe kwinjira muri Queensland.
Amashuri

  • Abanyeshure bose baraja kwishure.

Intara y’amaj’epfo ya Australia (South Australia)

Imbibe za South Australia zuguruwe ku basanzwe baba muri Canberra kuva itariki 16 Nyakanga 2020, abinjiye muriyo ntara ntibasabwa kwishira mu kato k’imisi 14 bagishika

Amakoraniro yemewe

  • Amakoraniro yo mu ngo zigenga ntakwiye kurenza abantu 50 mu rugo. 
  • Igitigiri c’abantu bahurira mu makoraniro yigenga mu bindi bibanza atari mu rugo (haba mu nzu canke hanze ) ubu ki kaba ciyongereye kuva kw’100 gushika ku gitigiri kitarenze abantu 150.
  • Gutamba biremewe mu manza zitandukanye ziba zifise intonde z’abashitsi zizwi.
  • Kuva kuwa Gatandatu, itariki 3 Gitugutu abantu baremerewe kunywa inzoga bari mu tubare, ibirabo mbere bahagaze ariko , mu bibanza biri hanze. Abaje kunywa inzoga mu gihe bahisemo kwicara imbere mu bunywero bwemewe bategerezwa kuba bicaye.
  • Ingingo yo kutarenga ibirometero 40 ku basanzwe baba ku mbibe z’intara ya Victoria na South Australia yasubijwe mu ngiro.
Ubudandaji hamwe n’ibikorwa bibera mu bibanza vyo kwisamarizamo

Amazu y’uburaro:

Inzindi ngingo zarashizwe ku mugaragaro n’igisata kijejwe uburaro kuva kuwa Gatandatu itariki 3 Gitugutu, imbere y’ihayanishwa ry’ibirori vyimirije mu kwezi gutaha. Hakaba harimwo izi ngigo zikurikira:

  • Igitigiri c’abantu mu mazu y’uburaro, amazu ari mu bwato ntakwiye kurenza igitigiri c’abantu uburiri buri murayo mato bwakira, hiyongereyeko abantu batandatu
  • Ibibanza bisanzwe biparikamo imikogotane (caravans),vyemerewe kwakira abantu batandatu barengeje imyaka 16. Nta nzitizi zihari ku bana bari musi y’imyaka 16.
  • Kuva kuwa mbere, itariki 5 Gitugutu:
        - Abantu baba mu ntara ya Victoria bazoshobora kwishira mu kato mu bibanza bipfuza, akarorero: mu rugo iwabo, ariko bikazokurikiranwa na porisi bakoresheje “application” G2G. Bazosuzumwa umugera bacinjira hama bongere kandi gusuzumwa ku musi wa 11 mur’iyo misi 14 bazoba bishize mu kato.

             - Abantu basanzwe baba mu ntara ya NSW nabo bazokurikiriza urwo rutonde nyene, nkuko intara n’ibindi bisagara bizosabwa kwerekana inyishu z’ibipimo ku musi ugira 11 mur’iyo misi 14 yo kwishira mu kato.

Abikorera utwabo, ibikorwa hamwe n’amakoraniro aremewe : 

  • Ibidandazwa co kimwe n’ibindi bikorwa singombwa yuko vyuzuza impapuro zo gushira mu ngiro umugambi wo kurwanya COVID-19, mu gihe bisanzwe bifise uwundi uri mu ngir uzwi nka COVID-19 Safe Plan 
  • Ibidandazwa co kimwe n’ibindi bikorwa rusangi bisanzwe bifise umugambi uzwi nka COVID-Safe plan singombwa yuko vyuzuza impapuro zo gushira mu ngiro uwo mugambi wo kurwanya COVID-19 imbere yuko batangura:  
Ingingo zijanye no gufata ingendo

  • Ingendo zo hagati mu ntara y’amaj’epfo ya Australia (South Australia) ziremewe.
  • Nta muntu yemerewe kwinjira mu ntara ya South Australia avuye muri Victoria, eka mbere nuwusanzwe aba muri South Australia.
  • Kiretse abasanzwe bakora/barangura ibikorwa bizwi kandi vyemejwe yuko ari ivy’ibanze kandi basanzwe bava mu ntara ya Victoria , abo baremerewe kwinjira mu ntara ya SA,harimo n’imiryango isanzwe iba ku mipaka.
  • Abasanzwe baba ku mipaka ya South Australia/ Victoria bategerezwa kubisaba musi y’abategerezwa gufata ingendo zidasanzwe. Mu gihe boba bafise impusha zidasanzwe zo gufata ingendo, si ngombwa yuko basaba uruhusha mu gihe basanzwe bafise urwi ruhusha: - abasanzwe bari mu mwaka wa 11 canke 12 mu mashuri y’isumbuye.

    - gutwara abanyeshuri bari mu mwaka wa 11 canke 12 mu mashuri y’isumbuye hakoreshejwe imodoka itari ya reta

    -uburimyi/ co kimwe n’abakozi b’utuzi dutandukanye basanzwe baba hafi y’imipaka ya SA/VIC

  • Ingenzi zivuye muri Northen territory, Queendsland, Tasmania hamwe na Western Australia ziremerewe kwinjira mu ntara ya Australia yamaj'epfo atakirinzwe gusabwa.
  • Ingenzi zituruka mu ntara ya NSW  zemerewe kwinjira muri South Australia uhereye isaha zitandatu z’ijoro (12am) kuwa gatatu itariki 23 Nyakanga kandi ntabazosabwa kwishira mu kato k’imisi 14.
  • Mu gihe uri mu rugo mu kiringo c'imisi 14 wishize mu kato, utegetswe kutava mu rugo (canke muri Hoteri) kiretse mu gihe ukeneye kuja kwa muganga.
  • Mu gihe woba uriko urategekanya gufata urugendo ruja mu ntara ya South Australia, utegerezwa kwuzuza umwirondoro wawe wiswe “Cross Border Travel Registration” ni buri buri imisi itatu (3) imbere yuko ufata urwo rugendo, canke hatisunzwe aho urwo rugendo rutangurira: 
  • Ingenzi zivuye hakurya y’amazi zisabwa kwishira mu kato, mu gihe wasuzumwe bikemeza yuko wanduye canke wegeranye n’umuntu yanduye.
Uzotegerezwa kwishira mu kato mu kiringo c’imisi 14 mu gihe:

Mur’ico kiringo c’imisi 14, utegerezwa kuguma mu rugo (canke mwi hoteri) kandi ntukwiye kuvamo kiretse mu gihe ukeneye ubufasha bwihutirwa bwo kwa muganga 

Amashure

Amashure yo mu ntara y’amaj’epfo ya Asutralia yaruguruye kuva igice ca kabiri c’amashuri gitanguye kandi abanyeshuri bahamagariwe kuja kw’ishuri hisunzwe amategeko y'igice ca kabiri c'amashuri aho muriyo ntara ya SA.



Intara y’uburengero bwa Australia (Western Australia)

Agahembo kazohabwa abashikiwe n’ikiza COVID-19

Uhereye kw’itariki ya 16 Nyakanga 2020, intara ya Western Australia yaratunganije agahembo kangana $1,500 kur’uwo wese yafashe akaruhuko bitewe n’ingaruka z’ikiza COVID-19.

Abujuje ibisabwa baba muriyo ntara bazohabwa $1,500 bur’indwi zibiri mu gihe cose badashoboye gukora. Ako gahembo kose karashobora gutangwa k’umuntu ategetswe n’abaganga kwishira mu kato mu gihe c’imisi 14.

Amakuru menshi: 

Intara ya Western Australia ubu ikaba iriko irashira mu ngiro igice ca 4 (mu bice 6) mu bijanye n'umugambi reta yiyo ntara yafashe mu kurwanya ico kiza muriyo ntara.

  • Ingingo zose zariho zerekeye amakoraniro yemejwe harimwo n’iyi 100/300 zirakuweho
  • Amakoraniro yemewe yose yashizweho na reta ya WA agabanijwe ku ngingo ya metero kwadarato 2 (ku bakozi bakorera mu bibanza bishobora kwakira abakiriya barenga 500)
  • Harakuweho serivisi zasabwa zo kwicaza abantu  mu bibanza vyo kuriramo co kimwe no mu tubare.
  • Ntibikenewe kugumya canke gusaba umwirondoro w’umuntu haba aho banywera ivyayi canke mu tubare
  • Ibikorwa vyose biremewe kiretse ibihuza igitigiri kinini cane c’abantu nk’ibiteramo vy’umuziki
  • Ibiteramo bikorerwa imbere mu nyubako aho usanga abantu baticara: ivy’umuziki w’ikibiriraho, ahabera ivy’umuziki, utubare, ibirabo biremerewe
  • Imikino y’akamari ibera muri casino nayo irashobora kwugurura hisunzwe amasezerano y’imfatakibanza ajanye no kurwanya ico kiza.
Ingingo zijanye no gufata ingendo

  • Ingendo zose ziremewe hagati mu ntara ya Western Australia, harimwo no mu karere kimbley. Ukwinjira mu karere gasanzwe kabamo abasangwabutaka birabujijwe.
Amashuri

  • Ibigo vy’amashuri ya leta vyaruguruye mu gice ca 2 gitanguye ku bavyeyi bose bipfuza kurungika abana kw’ishuri.
  • Kubanyeshuri bigira mu rugo, ivyankenerwa bibafasha kwigira mu rugo barabironswa.
  • Abavyeyi canke abarezi b’abana barashobora kwinjira mu bigo vy’amashuri basiga canke batora abana.
Ushaka kumenya vyinshi: 

Tasmania

Agahembo k’abafata akaruhuko kubera ikiza.

Abakozi bo muri Tasmania bemerewe agahembo  AUD $1,500 k’abafata akaruhuko kubera ikiza coronavirus mu gihe badashobora gukora kandi bikaba ari ngombwa yuko bishira mu kato.

N’amafaranga yagenewe gufasha abakozi mu gihe bari mu kato k’imisi 14.

Amakoraniro yemewe

  • Mu rugo: wemerewe kwakira abantu 20 umwanya uwariwo wose, kandi hatarimwo abasanzwe baba muriyo nzu
  • Igitigiri co hejuru c’abantu kikaba kirimo abakozi, abakora ibikorwa vyo kwitanga, abakiri bato co kimwe n’abana
Ubudandaji hamwe n’ibikorwa bibera mu bibanza vyo kwisamarizamo

  • Igitigiri kizovana n’ubushobozi ikibanza gishobora kwakira: benshi bemewe imbere mu nyubako ni 250 hama 1000 hanze y'inzu (Kuva itariki 25 Nyakanga).
  • Igitigiri co hejuru cemewe naco gitegerezwa kwubahiriza umuntu umwe ku metero kwadarato 2:
  • Nubwo igitigiri c’abantu bemerewe kivana n’ubushobozi ikibanza gishobora kwakira, no mu gihe ico kibanza cakiriye abantu bakeyi, itegeko ry’abantu bake kwubahiriza amabwira rirashirwa mu ngiro.
  • Abantu bitabiriye urubanza mu kibanza cemewe kandi kizwi n’amategeko, baremerewe kwishira no kwizana, ariko bategerezwa kwicara mu gihe bariko baranywa inzoga
  • Ibibanza bikorerwamo ukwinonorera imitsi  vyuguruwe ariko hisunzwe ingingo n’umugambi wo kurwanya COVID-19, na cane bitwararike abantu guhana umwanya hagati yabo, uburyo bwo gukurikirana abanduye canke baduje abandi hamwe n’ingingo z’isuku.
  • Fyonda ngaha umenye izindi ngingo zafashe:

Ingingo zijanye no gufata ingendo

  • Reta ya Tasmania yongereje ikiringo kidasanzwe gushika 26 Gitugutu
  • Itariki 1 Kigarama niryo sango ryategekanijwe kugira ngo horoshwe ingingo zafashwe ku vyerekeye imipaka canke imbibe
  • Urashobora gufata urundo mbere ukaba aho wipfuza hose muri Tasmania, ariko utegerezwa kwubahiriza ingingo zijanye n’amakoraniro yemewe hamwe n’ayagenga abashitsi.
  • Uwugaruste avuye mu ntara ya Queensland: abasanzwe baba muriyo ntara ya Tasmania bakaba baramaze igihe mu duce twa City of Brisbane, City of Ipswich hamwe na Logan City bategetswe kwishira mu kato mu kiringo c’imisi 14 mu bibanza vyo kwakira abantu vyagenwe na reta.
Intambwe zitatu zizokurikizwa mu kworosha ingingo zafashwe mu kurwanya COVID-19:

Intambwe 1

  • Kuva kuwa mungu itariki 20 Nyakanga: Kwemerera abakozi b’ishirahamwe FIFO muri Tasmania bongerejwe ikiringo c’akazi kandi basanzwe bari muyindi mihingo kubw’impamvu mu bice bitabangamiwe cane n’ikiza, kugira ngo bashobore gutaha batarinze kw’ishira mu kato. Aho ni mu gihe bazoba baje bavuye mur’ivyo bibanza barimwo batarinze kumara akanya muri Victoria canke ahandi hose hasinzikajwe n’ikiza.
  • Kwemerera abakozi bakora mu bihe bimwe bimwe (ici, urushana, agatasi…) kwinjira muri Tasmania hisunzwe ingingo zo kurwanya COVID-19 kubw’ibihe vy’akazi biri imbere.
Intambwe 2

  • Mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu 2020 uburongonzi bujejwe imbibe buzotegekanya gushira ku mugaragaro itariki hazotangura kworosha ingingo zo kurwanya COVID-19 co kimwe n’ibindi no kworohereza abavuye mu ntara zikurikira zitabangamiwe canke harimo: SA, WA, NT, Queensland, the ACT, hamwe na bishobotse NSW.
Intambwe 3

  • Abajejwe amagara y’abantu bazogira inama indongozi zo muri Tasmania namba biteguriye gusezerera ingingo zose zari zafashwe mu kurwanya COVID-19 ku mbibe ihana n’intara ya Victoria co kimwe n’ahandi hantu hose habangamiwe nico kiza uhereye itariki 1 Kigarama.
Kwiyandikisha k'ubuhinga ngurukanabumenyi imbere yuko ufata urugendo

  • Uwundi muntu wese yipfuza gufata urugendo rugana muri Tasmania avuye mu gace kose kandi k’igihugu ategerezwa kwiyandikisha biciye k’ubuhingangurukanabumenyi bwise mu kuja kuri imbere  yuko batanga igisabo cabo co kwinjira
  • Umwirondoro waho waciye mu kiringo c’imisi 14 iheze utegerezwa kwuzuzwa neza atakwihenda kandi hazotozwa ihadabu ishika AUD $16,800 canke igifungo c’amezi 6 kur’uwo wese azobesha.
Amashuri

  • Abanyeshuri bose bariko barakurikirana ivyigwa ukuri kwamye.  

Northern Territory

Amakoraniro yemewe

  • Ntategeko rihari ribuza abantu gukoranira hamwe ariko abantu bahamagariwe kwubahiriza imetero 1.5 hagati y’umuntu n’uwundi
  • Ubugeni n’imanza zo gusezera ubwanyuma uwitavye Imana ziremwe
Ubudandaji hamwe n’ibikorwa bibera mu bibanza vyo kwisamarizamo

  • Kwitabira amahiganwa muvy’inkino  hariho n’abaje gushungera bicaye mu kibanza cabigenewe. Mu gihe izo nkino zitabiriwe n’abarenga 500 murico gihe hakenewe yuko abo bantu bicarikwa hisunzwe urutonde rwo kurwanya COVID-19
  • Ibikorwa bisaba gukorana abantu benshi bizokwemerwa ariko kimwe kimwe kizokwigwa ukwaco. 
Ingingo zijanye no gufata ingendo

  • Uwushitse muri Nothern Territory avuye hanze ya Australia, yerekezwa mu kibanza aho azotegerezwa kwishira mu kato acungerewe  muri Howard Springs  hama arihishwe AUD $ 2,500
Abavuye mu zindi ntara binjira muri Northern Territory bategerezwa gukurikiza intambwe 6:

  • Utavuye mu bice bibangamiwe n’ikiza, si ngombwa kwishira mu kato.
  • Uhereye kuwa Gatanu itariki 9 Gitugutu, NT izokura kurutonde rwayo Greater Sydney nka hamwe hari mu bibanza bigeramiwe, mu gihe NSW ibitigiri vy’abandanduye vyobandanya bimanuka.
  • Uvuye canke uciye mu kibanza cavuzwe kandi kikemezwa yuko kigeramiwe n’ikiza, mur’ico gihe n’ingombwa uzokwishire mu kato mu kiringo c’imisi 14 kandi ahantu hacungerewe:
  • Ingenzi zivuye mu zindi ntara zose zisabwa kwuzuza ururpapuro urbaha uburenganzira bwo kwinjira amasaha 72 imbere yuko bashika.
Ayandi makuru yerekeye izo ntambwe 6: 

Igiporisi co muri Nothern Territory kiri ku mbibe no ku bibuga vy’indege mu kiringo kitaramenyekana

Agace gasanzwe kadatuyemo abantu benshi mu buraruko bw’igihugu kazobandanya kugariye imbibe zako intara zose zasinzikajwe n’ikiza ni buri buri mu kiringo c’amezi 18 (utanguriye muri Myandagaro 2020) Abasanzwe baba murivyo bice barashobora kwinjira ariko nabo bagategerezwa kwishsira mu kato k’imisi 14 ahantu mw’ihoteri kandi ku buryo bwabo. Kiretse ivyugawe kubw’agateganyo, ama parike y’ishamba canke ibikoko co kimwe n’amashamba cimeza yuguruwe.

Ibihe hamwe n’impusha zo kwinjira muri za parike (parc) muri Nothern Territory birashobora guhinduka ku mwanya muto cane. Raba zino mbuga ngurukana bumenyi imbere yo kuja murivyo bice:

  • Raba namba parike yuguruye: Akarere ka Darwin
  • Raba namba parike yuguruye: akarere ka Katherine 
  • Raba namba parike yuguruye: Akarere ka Tennant Creek and Barkly 
  • Raba namba parike yuguruye: akarere ka Alice Springs 
Amategeko mashasha ngenderwako yo kwishira mu kato 

  •  Nothern Territory yakuweho itegeko ryo kuja mu kato k’imisi 14 ahantu ucungerewe hashirwaho kwishira mu kato k’imisi 14 ukwawe haba mu nzu iwawe, ahandi hose ufashe canke uhisemo canke mw’ihoteri kandi unirihire ikiguzi kijanye iyo misi yose.
Abantu bose baje bavuye hakurya y’amazi bategerezwa kwishira mu kato k’imisi 14 ahantu bategerezwa gucungerwa mu kibanza cabigenewe kandi bakirihira ikiguzi k2E4ijanye niyo misi. Ivyo bibaye gutyo kubera ikigero kiri hejuru c’ukwandura umugera ku bantu baba bavuye hakurya y’amazi.

Amashuri

  • Abana bose bo mur Northen Territory barasubiye kw'ishuri.
  • Imiryango ihisemo kutarungika umwana  wabo  kw’ishuri, uwo mwana ategerezwa kwigira mu rugo.
Raba vyinshi ngaha bija n’indero muri Northern Territory: 

Umurwa mukuru wa Australia (Australian Capital Territory)

Amakoraniro yemewe

Ubudandaji hamwe n’ibikorwa bibera mu bibanza vyo kwisamarizamo

  • Amahiganwa mu bikorwa vyo kwinonora bisabwa ikoranako ry’imibiri, harimwo intambo, ‘karate, biremewe gutangura gukora (bisunze umugambi uzwi nka: )
  • Amahiganwa co kimwe nayo kwoga navyo birashobora gutangura ariko hisunzwe amategeko ajanye n’amakoraniro yemewe kubw’ubwogero rusangi, kandi nta gitigiri ntarenga kizoshirwaho ku bantu baba bariko barogera mu murongo umwe mu bwogero rusangi
  • Ku bikorwa bisanzwe vyakira abantu nk’uburiro, ubunywero bw’ivyayi,utubare hamwe n’ibirabo birashobora kwakira abantu bashika 100 haba hanze canke imbere mu nzu canke umuntu umwe kuri metero kwadarato, bisigura yuko ari bake. Kino gitigiri nticega abasanzwe bakora murivyo bibanza.
  • Utubare, ibirabo birashobora guha abantu inzoga bari mu mirwi y’abantu 10 mu gihe basanzwe bicaye.
  • Ibikorwa vyo kwinonora akenshi usanga bisaba yuko abantu bakoranako, gutamba canke ibikorwa mva bwenge biremewe ubu
  • Ibi bikurikira birashobora kwugurura mu gihe vy’ubahirije ingingo y’umuntu umwe kuri metero kwadarato (Harimwo n’abakozi):
  • Ibibanza vyo gusengeramo hamwe n’amateraniro nyobokamana
  • Sinema hamwe n’ibibanza bikorerwamo theatres
  • Ibikorwa vyo kwishimisha bibera imbere mu nzu canke hanze, arcades hamwe n’ibindi bibanza vyo kwidagaduramo.
  • Ibibanza vyo kwinonora, ibirabo vy’amagara y’abantu, aho kwinonorera, intambo
  • Ubwogero rusangi
  • Inkino mpuzamiryango hamwe niyindi mikino itunganijwe
  • Imirwi yo kuruirimba itandukanye
  • Ibibanza bitunganyirizwamo imishatsi, inzara, aho bacapura ku mibiri, n’ahandi henshi…
  • Parike za caravane, ibibanza vyemerewe gukoraniramo bizwi nka “campgrounds and camp sites
 Ingendo

Ingendo z’abasanzwe baba muri ACT mu ntara co kimwe n’ibisagara: Indongozi zo muri ACT zirahamagarira abenegihugu kudafata ingendo zibatwara mu bica canke ibibanza bizwi nk’ivyageramiwe n’ikizi COVID-19: kugeza ubu ivyo bice bikaba birimo intara yose ya Victoria hamwe na Greater  Sydney.

Gufata urugendo ruja muri ACT uvuye muri NSW canke Queensland: Abantu baciye mu karere ka greater Sydney bahanurwa kudatemberera canke ngo bakore mu turere bashobora kwandura ikiza, harimwo inyubako zisanzwe zibamo abageze mu zabukuru, ibitaro co kimwe n’ibigo bakosoreramo abakosheje mu kiringo c’imisi 14 nyuma yo kuva mu karere ka greater Sydney.

Ntakintu gisabwa kur’abo bantu  kugira ngo bashobore kwishira mu kato.

Gufata urugendo uja mu gisagara ca ACT uvuye mu ntara ya Victoria: Uwari we wese (kiretse abasanzwe baba mur’cio gisagara nyene) afashe urugendo ava mu ntara ya Victoria azokwankirwa kwinjira murico gisagara kiretse mu gihe bahawe uburenganzira budasanzwe n’ikigo kijejwe amagara y’abantu mur’ico gisagara.

Kwinjira mu gisara ca ACT uvuye mu ntara ya Victoria vyemewe gusa mu gihe uciye ku kibuga c’indege.

Abasanzwe baba mur’ico gisagara bavuye mu ntara ya Victoria basabwa kwishira mu kato mu kiringo c’imisi 14 imbere yuko bafata urugendo ruva muriyo ntara ya Victoria, hama bakabimenyesha inzego mu kiringo c’amasaha 72 imbere yuko bafata urwo rugendo bategekanya

Serivisi zo gukingira amagara y'abantu

Ubuhinga bushasha bugezweho burahari kugira ngo bubashe kwemeza yuko ata ngorane bitera iyo umuntu yinjiye ahakorerwa ibikorwa vyo kwitwararika amagara y’abantu. Ivyo navyo hakaba harimwo kwishura ibibazo bitari bike. Murico gihe ikimenyetso gisa n’icatsi kibisi canke gitukura kimenyeshe namba atangorane canke bimeze neza kwinjira aho hantu:  

Ingingo zikomeye kubasura abarwayi:

  • Umushitsi umwe k’umurwayi umwe ku musi
  • Abana barwariye mu bitaro bashobora kwemererwa umuvyeyi umwe.
Amashuri

  • Amashuri yose y’ibigo vya reta yaratanguye mbere n’abiga basanzwe baba mu ndaro z’amashuri baratanguye.

Abantu bose muri Australia bakwiye kwubahiriza ni buri buri imetero 1.5 hagati yabo n'abandi bantu. Raba ibibujijwe mu ntara yawe 

Abasanzwe baba mu bisagara vyo muri Melbourne binjiye mu bihe bidasanzwe bizwi nka “stage 4” kandi bategerezwa kwubahiriza igihe ntarengwa cashizweho kugira abantu bose ba barizwe mu ngo zabo. Aho naho akaba ari 20h z’ijoro hamwe na 5h z’agatondo. Urutonde rw’ibibujijwe vyose wobisanga ngaha:

 Abasanzwe baba mu bisagara vyo muri Melbourne binjiye mu bihe bidasanzwe bizwi nka “stage 4” kandi bategerezwa kwubahiriza igihe ntarengwa cashizweho kugira abantu bose ba barizwe mu ngo zabo. Aho naho akaba ari 20h z’ijoro hamwe na 5h z’agatondo. Urutonde rw’ibibujijwe vyose wobisanga ngaha:  

Namba ufise ibimenyetso vy'ibicurane n'ugukanya, gerageza guhamagara muganga wawe guto mubashe guhana isango canke uhamagare ikigo kijejwe gutara amakuru kuvyerekeye coronavirus ku rwego rw'igihugu biciye kuri 1800 020 080

Ibimenyeshejwe co kimwe n'amakuru urashobora kubironka mu ndimi 63 kuri 


Share
Published 13 May 2020 9:30pm
Updated 12 August 2022 3:14pm
By SBS/ALC Content, Jean-Paul Amedee Nizigama
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS


Share this with family and friends