Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA mu Burundi bwamenyesheje yuko abantu barenga 30 aribo bari mu kibanza categuwe nubwo bushikiranganji ngo abaganga babashe kubasuzuma ko ata bimenyetso vy’ikiza COVID-19 bafise.
Muriryo tanganzo babanje kwibutsa ingingo ubwo bushikiranganji bwari bwafashe COVID-19 ikimenyekana yuko abantu bakomoka mu bihugu nka: Ubushinwa, koreya y’ubumanuko, mu Butaliyano, muri Irani, mu Budagi, mu Bufaransa, mu Buyapani, no muri Espagne bashitse mu Burundi bategerezwa ku mara imisi 14 mu kibanza categekanijwe kugira ngo bashobore gusuzumwa.
Ubwo bushikiranganji bukaba bwamenyesheje yuko iyo ngigo bwari bwafashe itavuyeho ahubwo yuko ubu iraba abantu bose binjira mu gihugu cu Burundi bavuye mu bihugu vyunze Ubumwe vy’uburayi (Union Européene), co kimwe n’abamaze imisi 14 baragize ingendo murivyo bihugu.
Abo bantu barenga 30 bashizwe muri Hotel Source du Nil iri I Bujumbura mu kiringo c’imisi 14 kugira ngo abaganga bashobore kubasuzuma yuko ata COVID-19 bafise. Abo bantu barenga 30 bakaba barakuwe ku kibuga c’indege n’imodoka zagenewe ico gikorwa kidasanzwe co kwunguruza ingenzi zivuye murivyo bihugu twavuze hejuru. Muri abo bose nta numwe arekuriwe gusohoka kiretse inyuma yiyo misi. Murico kibanza habonekamo igipolisi gishinzwe gutabara no gikingira amabi kizwi nka GMIR naco gifise udukingirizo (masques) two kwifuka ku munwa kugira batandura.
Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwashize ahabona bubicishije ku rubuga rwayo rwa twitter, rirahamagarira abantu gukaraba n’amazi meza n’isabuni canke amazi arimwo Chlore. Ubwo bukaba aribwo buryo bumwe buhambaye bwo kwikingira ico kiza, nkuko iryo tanganzo ribandanya ribivuga.
Mwomenya yuko muriryo tanganzo nyene Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida buhimiriza abantu kwitwararika gukaraba na cane cane abahurira mu bibanza bisanzwe bihuriramo abantu benshi nka: Ibitaro, amavuriro n’ibindi bibanza vyose bihuriramo abantu benshi.
Gushika ano magingo nta muntu aratangazwa yuko amaze kwandura COVID-19 mu Burundi.
Wipfuza kuronka aya n'ayandi makuru rabe aka ka video uko wobigenza. Sangiza abandi