Covid-19: Vyoba bishika kenshi kutagira ibimenyetso, dukwiye kugira impungenge?

Ivyigwa bibiri biherutse gukorwa vyasanze ibitigiri bidasanzwe vy’abamaze kwandura ariko badafise ikimenyetso na kimwe. Abahinga bariko barihweza nimba vyoba ngombwa yuko twese dusuzumwa canke oya.

Victoria records seven new coronavirus cases and two deaths

Source: Getty Images

Kugeza ubu twese turamaze kwumva canke kubwirwa ibimenyetso biranga uwufise Covid-19, uhereye ku kugira ubushuhe burenze, inkorora hamwe no guhema nabi canke uburuhe.

Haramaze kuba ubushakashatsi butari buke kw’isi bugerageza guca hirya no hino ingene umuntu agira agwara covid-19 ariko ata kimenyetso na kimwe yerekanye. Ubwo bushakashatsi bukaba bwarabaye muri Iceland, Ubuyapani, Ubushinwa, na hano muri Australia.

Mw’ikete ryashizwe kumugaragaro na JAMA Network, abashakashatsi berekana yuko mu barwayi 78 m’Ubushinwa ibice 42.3 kw’ijana atakimenyetso na kimwe berekanye.

Ubushakashatsi butandukanye bwakozwe n’abashakashatsi bo muri Australia bukaba bwarashizwe ahabona na Thorax bwasanze abantu 217 bari mu bwato Greg Mortimer Cruise abashika 8 kuri 10 bashoboye gusuzumwa basanze bafise umugera wa Covid-19 kandi ata bimenyetso bagaragaje.

Ni rihe tandukaniro hagati yo kutagira ibimenyetso n’imbere yuko vyibonekeza?

Ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS ryarashoboye kwerekana ubudasa hagati yavyo.

Ukutagira ibimenyetso n’umwanya uba umaze kwandura ariko  imbere yuko ibimenyetso vy’umugera bitangura kwigaragaza.

Nubwo atabimenyetso uba uragaragaza ntibisigura yuko atabushobozi bwo kwanduza iyo ndwara buba buhari. Hariho ivyigwa vyakozwe vyerekana abantu basuzumwe kandi bikemezwa yuko bafise umugera wa corona hagati y’umusi umwe n’itatu imbere yuko batangura kwerekana ibimenyetso vy’uwo mugera Covid-19

None abahinga boba bibaza iki ku vyirwa vya vuba biheritse?

Professor Raina MacIntryre n’umuyobozi mukuru wa porogaramu ya ‘Biosecurity’ ku kigo Kirby yavuze ati “hariho ibimenyetso vyinshi vyerekana ko kutagira ibimenyetso co kimwe n’imbere yuko ibimenyetso bitangura kugaragara ari ibintu vyibonekeza cane kuri Covid-19”

Yatanze akarorero afatiye ku vyirwa vyakozwe ku bigo bisamzwe bibamo abakukuruke canke abari mu zabukuru canke muyindi mihingo yasanze “ifise ibice 50 kw’ijana canke birenga  canke aho usanga abanduye bose baterekana ibimenyetso.”

Mu ntango z’ukwezi kwa Rusama, ikigo gisanzwe kibamo abakukuruke muri Bacchus Marsh i Melbourne kizwi nka Grant Lodge, carerekanye umukozi atigeze yerekana ibimenyetso kandi yarasuzumwe agasanganwa coronavirus.

“Ntidukwiye kuja impari kuri ibi bintu. Ahantu umuntu ashobora kwandura cane, haba mu miryango canke ahantu hiyugaranye, aho, abantu barakwiye gusuzumwa hatisunzwe yuko bafise ibimenyetso atar’uko bigahagarikwa,” ivyo vyashikijwe na Professor Raina MacIntryre.

“Bisaba hagati y’imisi 10-14 kugira ngo abasirikare b’umubiri bisuganye, rero ntibitanganje kubona igipimo cihuse co gusuzuma abasirikare b’umubiri cari igikoreshwa umwanya muto mugihe gito habaye c’ikiza”

Abahinga bamwe ntibazi neza icoba gitera abantu kuterekana ibimenyetso vya Covid-19.

Sanjaya Senanayake n’umuhinga mu vy’indwara zandukira wo kuri kaminuza ya Australia National.

Yisunze icirwa co mu Bushinwa aho abanditzi bagaragaje yuko abantu batagize ibimenyetso batigeze bishira mu ukwabo (mu kato) kubera yuko batigeze bagira ibimenyetso.

Yavuze ati “[Abashakashatsi] ntibashoboye kuraba nimba hariho uwundi murwi w’abarwayi bazananye murabo bantu”batishize ukwabo (mu kato).”

Muri Ruhuhuma, icegeranyo cakozwe na  casanze yuko abarwayi batagize ibimenyetso mu gihe hasuzumwa nabo buruhiye kwerekana ibimenyetso . Prof Senanayake ntiyashoboye kumenya namba abo bantu bakoreyeko ubushakashatsi bahavuye bagwara canke batagwaye.

“iyindi nzitinzi yibonekeza ngaha, kandi abanditsi bemera, n’ingene ico gikorwa co kurondera abatagira ibimenyetso cakozwe. Vyoba bishoboka ko batari bisanzuye neza kuburyo batari bamerewe neza 100 kw’ijana. Akarorero: bari bamerewe neza mu gihe bari baruhutse ariko batiyumva neza mu kwimenyereza hamwen’ibindi.”

Yamenyesheje ati” ubutandukane bw’abatagira ibimenyetso mu vyirwa bitandukanye” vyabaye intambamyi yo gutahura ido n’ido ryo kuterekana ibimenyetso ku barwaye Covid-19.

Muri Iceland ibice 50 kw’ijana vy’abantu vyarerekanye yuko bafise umugera kandi badafise ibimenyetso, ibice 30.8 kw’ijana basanzwe mu Buyapani mu gihe abasigaye ari 80 kw’ijana bari mu kindi cigwa gitandukanye mu Bushinwa.

“Ukuri kuragoye kumenya. Nubwo turiko turegereza gutahura ibigize umurwi w’abatagira ibimenyetso hageze kuri Covid-19, kuvy’ukuri ntituzi uburemere bw’ingaruka mu kwanduza abandi. Akarorero:  Boba banduza abandi cane canke abantu bake?”

"Bisigura yuko, aho hantu hariho abantu bane baterekana ibimenyetso kuri buri ngenzi."

Professor Ivo Mueller n’umuhinga mubijanye n’ikiza kuri Walter hamwe na Eliza Hall  Institute of Medicsl Research.

Yasiguye avuga yuko gutahura ingene abaterekana ibimenyetso bashora kwanduza abandi Covid-19 atari ngombwa gusa mu gutahura neza abageramiwe mu kwandura umugera gusa ariko” yuko bizobangamira  uko tubibona mu bijanye n’ingene Covid-19 ishobora  kwongerekana mu mezi ari imbere.”

Yavuze ati “N’ubuhe bufasha bukenewe mu gukingira umuzo w’akabiri w’abanduye n’impfu,”

Ubushakashatsi bwakozwe ku bwato Greg Mortimwer cruise, bwari bufise ingenzi z’abanye Australiya 96, basanze 217 bari muri bwo 128 baranduye covid-19. Murabo banduye uyo mugera, 104 ntiberekanye ikimenyetso na kimwe ivyo navyo bikavuga yuko bangana n’ibice 81 kw’ijana vy’abanduye.

Professor Mueller yagize ati“Ivyo bisigura yuko hariho abantu bane bagendana imigera kandi  baterekana ibimenyetso vya covid-19 kuri buri murwayi umwe muri ubwo bwato. Mugihe ivyo vyoba ahandi hose, ivyo bisigura yuko mu bihugu aho basuzuma abafise ibimenyetso gusa, ukuri kubishe nuko ubwandu bushobora kuba buri incuro zitanu hejuru kurusha ibishikirizwa.”

Professor Mueller yagize ati kumenya ukuri kubaterekana ibimenyetso ku ngero z’imyaka yose ugasanga bashobora kwanduza abandi bikwiye kuba umwitwarariko udasanzwe ubu.

Abantu bose muri Australia bakwiye kwubahiriza ni buri buri imetero 1.5 hagati yabo n'abandi bantu.

Ugusuzumwa Coronavirus ubu birashoboka hose muri Australia. Namba ufise ibimenyetso vy'ibicurane n'ugukanya, gerageza guhamagara muganga wawe guto mubashe guhana isango canke uhamagare ikigo kijejwe gutara amakuru kuvyerekeye coronavirus ku rwego rw'igihugu biciye kuri 1800 020 080

Application reta yashizeho yitwa COVIDSafe iraboneka kandi urashobora kuyironka (download/télecharger) muri terefone yawe ngemdanwa.

SBS yiyemeje kumenyesha ama kominote canke imiryango itandukanye muri Australia ku bijanye n’ikiza COVID-19 k’umusi k’umusi. Amakuru atandukanye woyasanga mu ndimi 63 .


Share
Published 4 June 2020 10:10pm
Updated 4 June 2020 10:12pm
By Ahmed Yussuf
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends