Paul Rusesabagina, icamamare bitewe n’ireresi “Hotel Rwanda” yamenyekanye cane mu mvugo zitavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kigali, yakatiwe kuri uyu wa mbere imyaka 25 y’agasho yagirizwa ivyaha vy’iterabwoba, mu gihe abamushigikiye bavuga yuko iyo ngingo ari inkinamico ya politike.
Yaciriwe urubanza na sentare nkuru ya Kigali aho yagirizwa gukorana n’imirwi y’abarwanyi hamwe n’ibitero vy’ibisasu ntezwantoki (grenade) hamwe n’ikoreshwa ry’inkoho zikomeye vyakozwe mu Rwanda hagati ya 2018 na 2019.
“Yakoze umurwi w’iterabwoba wagavye ibitero ku Rwanda, yashigikiye mu buryo bw’amafaranga ibikorwa vy’uwo murwi,” Ivyo vyashikirijwe n’umucamanza Beatrice Mukamurenzi nyuma y’urubanza rwari rumaze amezi indwi.
Abashikirizwamanza bari basabiye Rusesabagina w’imyaka 67 umunyororo wo guherayo ubuzima bwiwe bwose, uyo nawe akaba yarashimagijwe mu kurokora ubuzima bw’abantu barenga 1,200 mu gihe c’ihonyabwoko rya 1994, ivyo bikorwa bikaba vyarabaye imbarutso y’ireresi yatunganijwe n’ikigo Hollywood film.
Ariko uyo mucamanza Mukamurenzi yavuze ati ico gifungo “gikwiye kugabanywa ku myaka 25” kubera yuko ari ubwa mbere.
Haba Rusesabagina canke abashingwamanza bamuserukiye nta numwe yari yitavye mu gihe hashikirizwa umwanzuro, mu gihe umuryango wiwe wari warashikirije amakenga ajanye n’amagara yiwe, mbere bakaba bagabishije yuko yotakariza ubuzima mu munyororo.
Abaregwa bashika 20, bagaragaye mu rukiko bafunzwe amapingu bari mu mwambaro w’abafungwa baciriwe hagati y’imyaka itatu na 20.
Rusesabagina yakoresheje ubwamamare bwiwe mu kurwanya perezida w’Urwanda nk’uwutwaza igitugu, ari mu munyororo kuva muri Myandagaro 2020, aho yari mu ndege yar’azi yuko igiye i Burundi ariko akisanga i Kigali.
Umuryango wiwe uvuga yuko Rusesabagina yanyurujwe kandi agahakana ibirego vyose bamurega uko ari icenda aho avuga yuko yazize kuba yaragaragaje ivyiyumviro vyiwe vy’ukutavuga rumwe na reta.
Mu ntango za kuno kwezi perezida Kagame yatesheje agaciro ivyiyumviro bitandukanye bivugwa kuri Rusesabagina, aho yamenyesheje yuko uyo mugabo atari mw’ibohero kubera ubwamamare bwiwe ariko kubera abantu bitavye Imana “kubera ibikorwa vyiwe”.
“Ivyemezo ntamusiga”
Urubanza rwatanguye muri Ruhuhuma ariko bwana Rusesabagina asanzwe afise ubwenegihugu bw’Ububirigi hamwe na reta zunze ubumwe z’Amerika yaciye yiyonkora muri urwo rubanza kuva Ntwarante, aho yagiriza urukiko yuko “atabutabera hamwe n’ubwigenge rufise”.
Reta zunze ubumwe z’Amerika zahaye Rusesabagina umudari w’ubwigenge w’ikirenga yahawe na perezida mu 2005, reta zitandukanye co kimwe n’iyindi mirwi yarashikirije impungenge ifise igihe yashikijwe mu Rwanda.
Ku wa Mbere, Washington hamwe na Bruxelles vyashikirije amakenga yavyo aho vyavuga yuko Rusesabagina ataronse ubutabera.
“Ivyashikirijwe nk’ubutabera vyateje ukwibaza k’ubutabera bw’urubanza rwa;shikirijwe,”
Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuvugizi wa reta Ned Price, aho yashikirije n’ingene Rusesabagina yankiwe igisabo co gukorana n’abamuburanira.
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yagize ati hirya yo kujurira kwa reta y’Ububirigi, “ Rusesabagina ntiyigeze aronka ubutabera acirwa urwangondagonde”.
“Ukwezwa kw’umuntu ataraciribwa urubanza ntivyubahirijwe. Ibi vyose bitera kugira amakenga ku rubanza hamwe n’ingene rwashashe.”
Reta ya Kagame yagiriza Rusesabagina kuba umwe mubagize umurwi National Liberation Front (FLN), umurwi wagirijwe ibitero mu mwaka 2018 hamwe 2019 aho vyahitanye abantu icenda.
![Paul Rusesabagina, who inspired the film "Hotel Rwanda", inspired by the true event of him helping 1000 people during genocide, has been sentenced to 25 years.](https://images.sbs.com.au/drupal/yourlanguage/public/0e726aa2-1f20-4da3-9bf5-7e6207deba14_1632200837.jpeg?imwidth=1280)
Paul Rusesabagina walks handcuffed with guards to attend a court hearing at the Kicukiro Primary court in Kigali, Rwanda, back in September 2020. Source: EPA
Yahakanye ko ataruhara afise muri ivyo bitero, ariko akaba ariwe yatanguje umuhari Movement for Democratic Change (MRCD), umuhari utavuga rumwe na Kigali aho umrwi FLN ufatwa nk’ishami ry’abarwanyi buyo muhari.
“MRCD-FNL vyakoze ibikorwa vy’iterabwoba. MRCD ntishobora gutandukanywa n’ibikorwa vya gisirikare” vy’umurwi FLN, niko Mukamurekezi yagize.
Mu gihe yaburanishwa, umwe mu barerwa hamwe yatanze ibimenyetso ntamusiga vyerekana uruhara Rusesabagina yagize mu murwi FLN hamwe n’abarwanyi bawo.
Ubutegetsi bwa Kigali bwakeje cane iyo ngingo ya sentare, aho umuvugizi Yolande Makolo yamenyesheje abicishije ku rubuga rwa tweeter:” Ibimenyetso vyagira uwarezwe ni sindamusiga, ubu Abanyarwanda baziyumva amahoro kuko ukuri kwagiye ahagaragara..”
‘Urubanza rw’ugupfa’
Rusesabagina yigeze kuba umuyobozi w’ihoteri Mille Collines y’Ikigali, aho yahungikishije abagera mu majana y’abantu mu gihe hariko haraba ihonyabwoko ryahitanye abantu 800,000, benshi muribo bakaba bari abo mubwoko bw’abatutsi.
Inyuma y’imyaka ishika 10, umukinyi w’amareresi wo muri Amerika Don Cheadle yakinye yigana Rusesabagina, wo mu bwoko bw’abahutu, aho iyo reresi yagiye ku rwego mpuzamakungu nyuma yo kuja mu dushimwe duharanirwa ‘Oscar-nominated blockbuster’.
Mu nyuma Rusesabagina yitandukanije n’intwaro yiganziwemo abatutsi ya yoborwa na Kagame, nawe yarayoboye umurwi w’abarwanyi akaba yaciye aba perezida aho yakoresheje ubushobozi n’ububasha arangiza ubwo bwicanyi.
Yagirije Kagame gutwaza umukazo mbere akaba yaravuye mu Rwanda mu 1996, aba mu Bubirigi mu nyuma yungururiza muri reta nzuze ubumwe z’Amerika.
Yakoresheje urubuga mpuzamakungu afise ahamagarira impinduka za politike i Kigali, hama hakaba imigenderanire n’imirwi itavuga rumwe na reta iri hanze y’igihugu.
Umuryango wiwe utahengeshanije gushaka ubufasha hirya no hino ngo ashobore kurekurwa, wavuze uti Rusesabagina n’imfungwa ya politike mbere akaba yagiriza ubutegetsi kumuboreza igufa mu gihe afunzwe.
“Abacamanza bafashe ingingo umutwaza-gitugu yashaka yuko bafata, n’ivyo nyene twari twiteze,” Ivyo nivyo umukobwa wa Rusesabagina Carine Kanimba yabwiye ibinyamakuru, aho mu nyuma yongereje yuko bivanye n’imyaka yiwe yitereye ingingo yafashwe “ingana n’ingingo y’urupfu”.
“Dufise ubwoba yuko papa wanje azokwicirwa mu munyororo,” niko yavuze.