Explainer

Imfanshanyo ku basugerejwe na coronavirus iraboneka kubantu bari muri NSW. Ng’uku uko woyironka.

Uhereye muriy’indwi abantu co kimwe n’abikorera utwabo mu ntara ya NSW bagizweko ingaruka na guma mu rugo kubera coronavirus barashobora gusaba bakongerezwa igihe co kuronka ubufasha bw’amafaranga.

A general view of the central business district in Sydney, Saturday, July 17, 2021.

A general view of the central business district in Sydney, Saturday, July 17, 2021. Source: AAP

Abantu hamwe n’abikorera utwabo muri New South Wales barahamagarirwa kuza bagasaba imfanshanyo y’uburyo bw’amafaranga muri ki kiringo, mu gihe Greater Sydney yinjiye mu ndwi igira kane iri muri guma mu rugo.

Iyo mfanshanyo yishwe COVID-19 Distater Payment, izotangwa n’intara ifadikanije na reta ya Australia yose.

Uwurongoye intara ya NWS Galdys Berejiklian yamenyesheje kandi yuko hariho n’imfanshanyo itegekanije  ku bikorera utwabo co kimwe n’abandi bikorera ku gatwe kabo bagizweho ingaruka n’amabwirizwa ya guma mu rugo, aho yizera yuko bizotera intege ababa muriyo ntara kwubahiriza impanuro zitangwa n’abajejwe amagara y’abantu.

Kuva murino ndwi, imfanshanyo irahari kubikorera utwabo muri NSW, hamwe n’amafaranga yategekanijwe gukingira utuzi “JobSaver Payments” hamwe n’ayandi mafaranga make make azoshigikira abikorera utwabo bato bato azoshobora kuboneka mu mpera za Mukakaro.

Ng’ibi vya ngenderwako bizokwisunwa haba ku bantu canke abikorera utwabo muri NSW, n’ingene bashobora kuyasaba.

Agahembo ku basinzikanjwe na COVID-19

yo mfanshanyo yiswe  izokwama itangwa buri ndwi ku basanzwe baba mu bice vyavuzwe yuko hari ubwandu bwa coronavirus kurusha ahandi kandi guma mu rugo ikaba yaramaze nk’imisi indwi irenga, ivyo bikaba vyarabaye imbarutso yo kugabanurirwa amasaha y’akazi co kimwe canke batakironka umushahara wabo.

Ubwo bufasha bwemerewe abasanzwe bemerewe kuba muri Australia co kimwe n’abafise viza z’akazi harimwo abafise viza z’agateganyo hamwe n’abanyeshuri mpuzamakungu bafise uburenganzira bwo gukora.

Abantu basanzwe baba muri Greater Sydney batakaje amasaha agera kuri 20 y’akazi ku ndwibashobora gusaba amafaranga $375 ku ndwi mu gihe bakiri muri guma mu rugo mu gihe bakwije ibisabwa n’amategeko, mu gihe abatakaje amasaha 20 canke arenga bashobora gusaba $600.
Abasanzwe baba hanze hanze ya Greater Syndey, nabo barashobora gusaba kur’ako gahembo mu gihe badashobora guhembwa ayo bari basanzwe binjiza kandi bakaba bujuje ibisabwa n’amategeko muri rusangi. Kugira umenye ibisabwa fyonda ngaha .

Ako gahembo kemerewe abantu batemerewe gusaba  canke kuronka ubundi bufasha bw’amafaranga. Ayo mafaranga nayo azotozwa amakora, bisigura yuko nayo ategerezwa kuja mu yandi wahembwe mu gihe hazogera yuko ugenda gusaba amafaranga warishe ikori

Umushikiranganji ajejwe serivisi za reta Linda Reynolds, kuwa mbere yamenyesheje yuko ako gahembo “gakwiye” mu gihe c’imfata kibanza, “kakaba kagenewe gufasha imiryango mu mibereho ya buri musi co kimwe no kuriha za fagitire muri kino gihe.”

Abajejwe intwara bagira inama abantu baba muri NSW gusaba iyo mfanshanyo baciye ku buhinga ngurukana bumenyi ku rubuga rwa Centerlink.

riho n’umurongo wa terefone ushobora guhamagara mu gihe ukeneye ubufasha budasanzwe. Abakwije ibisabwa bari kuri visa bashobora kwakura 180 22 66 hama bakuzuza ibisabwa, mu gihe hariho n’umurongo wohamagara mu gihe ukoresha urundi rurimi rwose 131 202.
For more information on how to claim, click .

Agahembo kubagiye mu karuhuko kubera ikiza

Agahembo gategekanijwe guhabwa abasugerejwe n’ikiza COVID-19  kagenewe abantu badashobora kuronka umushahara kubera yuko bategerezwa kwishira mu kato, canke kwitwararika uwanduye COVID-19. Abakwije ibisabwa n’amategeko bategerezwa kuba abarabwiwe kwishira mu kato n’ abajejwe amagara y’abantu muri NSW  (

Agahembo kangana ni $1,500 ku misi 14 umuntu azoba ari mu kato, yishize ukwiye wenyene, canke ariko aritwararika uwanduye COVID-14. Bisaba yuko uguma ubisaba uko ico kiringo giheze.

Ako gahembo kagenewe abasugerejwe n’ikiza COVID-19 nako kazorihishwa itagisi nk’amafaranga uba wakoreye kandi ukayashira mu mafaranga uba warakoreye mu gihe igiye gukoresha ibijanye n’ikori warishe.

Kugira usabe ako gahembo hamagara kuri 180 22 66 canke usohore ibipapuro wuzuza ngaha  hama uheze ubirungike ukoresheje fax ku nimero 1300 727 760.

Imfanshanyo muri NSW ku bikorera utwabo mu gihe ca COVID-19

Imfanshanyo yiswe  izohabwa abikorera utwabo rimwe gusa, abo nabo bakaba arabagizweko ingaruka kubera ingingo za guma rugo, bigatera uruhombo ku mafaranga bahora binjiza.

Kugira ngo wemerwe iyo mfanshanyo nuko urudandazwa rutegerezwa kuba rwaronka $75,000 ku mwaka.

Amafaranga azovana nayo utashoboye kwinjiza mur’iki kiringo ca guma mu rugo. Urudandazwa rwahomvye ibice bishika kuri 30% bemerewe gusaba ayashika $5,000 mu gihe abahomvye ibice 50 %  bashobora gusaba ayashika $7,500, nayo abazoshobora kwerekana yuko ubuhombe bwageze ku bice 70% bazosaba $15,000

Kugira ngo uyasabe, abikorera utwabo bahamagariwe ku gereranya n’iburiburi indwi zibiri inyuma yuko guma mu rugo itangura n’izindi ndwi zibiri muri Ruheshi canke Muakakaro 2019. Abikorera utwabo baremerewe gutangura kwiyandikisha baciye ngaha .

Agahembo ko kuziganya akazi

Agahembo kiswe  

gatanga akaryo ku basanzwe bahembwa rimwe nyuma y’indwi zibiri basanzwe bakorera abikorera utwabo bacirirtse co kimwe n’abari mu ngero zo hagati kugira ngo bagumye igitigiri c’abakozi bakoresha.

 

Urudandazwa rrwaronka amafaranga arenze $75,000 rushobora kuronka agahembo kangana n’ibice 40% k’umushahara bari basanzwe baha abakozi, aho boza barabahemba $1,500 ku ndwi, hamwe ni $10,000 ku wuhembwa menshi.

Abasanzwe bikorera utwabo aribo nyene bazwi nk’aba “Sole traders” bemerewe kuzosaba agahembo $1,000 ku ndwi.
Kugira ngo ushobore kwemererwa abikorera utwabo bategerezwa kwerekana yuko urudadazwa rwahomvye ibice 30% mu gihe ca guma mu rugo hisunzwe ikindi kiringo co muri Ruheshi canke Mukakaro 2019.

Ikirenzeko, abikorera utwabo bategerezwa kwerekana yuko bagumanye abakozi babo nkuko vyari bisanzwe gushika itariki 13 Mukakaro 2021 kugira ngo babandanye baronka ubwo bufasha.

Imfashanyo ku badandaza bato bato mu bihe vya COVID-19

Abadandaza batobato co kimwe n’abazwi nkaba “Sole traders” bafise umutahe uri hagati $30,000 hamwe $75,000 bazoshora gusaba ku mfanshanyo yiswe  amafaranga angana $1,500 buri indwi zibiri mu gihe amategeko yo kwirinda ikiza akibandanya.

Kugira ngo abikorera utwabo bemererwe, bategerezwa kwerekana yuko bahomvye ibice 30% muriki kiringo ca guma mu rugo bagereranije n’ikiringo nkico muri Ruheshi canke Muakakaro 2019.

Kubisaba bizotangura mu mpera za Mukakaro, ariko abikorera utwabo co kimwe n’aba “Sole traders” barashobora kuba bariyandikisha baciye ngaha .

Imfashanyo mubakora umuziki hamwe

Iyi mfanshanyo izotangwa rimwe gusa ya $2,000 (canke $2,700 ku miryango ifise abana) igamije gushigikira no gusegura abakora ibikorwa mvabwengwe (artists), hamwe n’ababafasha hamwe n’abavuza umuziki batariko bararonka ikibabeshaho kubera ingingo zo kurwanya ikiza ca COVID-19 zikibandanya.

Ushaka kumenya vyinshi no kumenya yuko ukwije ibikenewe raba ngaha .

Ingingo ikingira abapangayi kudasohorwa mu mazu.

n’umugambi wo kurinda abapangayi ngo ntibasohorwe mu mazu. Washizweho mu ntumbero yo gukingira abapangayi bagizweko ingaruka na COVID-19 ariko kandi bakaba bafise ibisabwa n’amategeko.

Ico kiringo c’imisi 60 gikingira abapangayi ntibasohorwe mu mazu catanguye itariki 14 Mukakaro ki kazogeza 11 Nyakanga, ariko bakaba basabwa kwerekana yuko ku mafaranaga baronka yagabanutseko ibice 25%.

Bene amazu hamwe n’abapangayi bahamagariwe kuyaga bakumvikana ku kugabanaya amahera y’inzu mu gihe uwupanze adashoboye kuriha bivanye n’ingingo zafashwe mu kurwanya COVID-19.
Bene amazu bahamagariwe kugiriranira ibiganiro imbere yuko bafatirako amafaranga “y’avance” canke ngo babasohore mu nzu mu gihe bagizweko ingaruka n’ikiza. Abashoboye kugabaniriza abapangayi bazoshumbushwa n’imfashanyo isihika ku $1,500 canke bagabanyirizwe ikori barihishwa ku matongo yabo.

Abapangiye amazu badandarizamo canke abaranguza nabo barakingiwe haba kwugarirwa canke gusohorwa mu gihe hakiriho itegeko ryo kudakura mu nzu abapangayi.

Amadorari angana imiriyoni 12 niyo yongerejwe kugira ngo ashigikire ivy’agateganyo abakodesheje amazu bafise amahirwe yo kubura uburaro bakaja mwibarabara.         

Abari muri Victoria na South Asutalia bobo vyifashe gute?

 (agahembo ku basinzikanjwe na COVID-19)  azoboneka kubasanzwe bari mu ntara ya Victoria kuva kuwa Gatanu 23 Mukakaro inyuma yaho iyo ntara yongereje iyi ndwi imwe mu ya guma mu rugo.

Uwurongoye iyo ntara Daniel Andrews akaba yaramenyesheje ingingo yuko iyo ntara yongereje imisi itanu ku mategeko ya guma mu rugo gushika sasita z’ijoro itariki 27 Mukakaro.

Amadorari agera ku miriyoni 200 niyo yashizweho kugira ngo iyo ntara ishobore gushigikira abikorera utwabo bagizweko ingaruka n’ingingo za guma mu rugo, hariho n’uburyo bwo kuriha abikorera utwabo co kimwe n’abazwi nkaba “Sole traders” mu ntara hose.

Ivyo bikaba vyega abikorera utwabo bagera ku 90,000 bamaze kuronka ayo mahera canke bategekanya kuyaronka biciye muri program izwi nka Licensed Hospitality Venue Fund and Business Costs Assistance Program yashizweho igihe hajaho ingingo ya guma mu rugo hagati ya  Rusama- Ruheshi muriyo ntara. Ako gahembo kagizwe ni $3,000 hamwe ni $2,000.
Ibice bitari bike muri South Australia navyo veymejwe yuko ari uduce abantu bashobora kwanduriramo umugera inyuma yaho iyo ntara itangaje indwi ya guma mu rugo.

Ivyo bikaba bisigura yuko abakwije ivyankenerwa bari muri Adelaide, Burnside, Campbelltown, Charles Sturt, Holdfast Bay, Marion, Mitcham, Norwood Payneham hamwe na St Peters, Onkaparinga, Playford, Port Adelaide Enfield, Prospect, Salisbury, Tea Tree Gully, Unley, West Torrens, Gawler na Walkerville co kimwe n’agace ka Adelaide Hills Council n’abo barashobora kuronka agahembo kubasugerejwe n’ikiza COVID-19.

Ukaba ukeneye ubufasha bujanye n’indwara yo mu mutwe wohamagara Beyond Blue on 1300 22 4636. Amakuru menshi uyasanga kuri aho bashigikira abantu bafise imico n’akaranga bitandukanye.


Share
Published 23 July 2021 8:35pm
Updated 24 July 2021 3:18pm
By Caroline Riches
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends