Inyuma y’abakenyezi kwicwa, kominote ya Melbourne yahisemo gushira ahabona ivy’amabi akorerwa mu ngo

Inyuma y’abakenyezi batari bake bakomoka muri Aziya y’epfo bagandaguwe mu gisagara ca Melbourne haheze umwaka SBS NEWS ibimenyesheje, kominote yishize hamwe ngo bahangane n’ikibazo c’ubwigunge.

Women's Day Out

Regular activities for South Asian women in the Whittlesea area are now allowing them to connect. Source: SBS News

Mu 2018 n’ 2019 abantu bashika indwi barishwe hariya muri Whitttlesea ni mu gisagara ca Melbourne. Ubwo bwicanyi bukaba bwarateye indongozi umutima uhagaze.

Ubwo bwicanyi buboneka nkaho bwari bufise isano, mbere hariho n’ibimenyetso vyerekana yuko bamwe murabo bakenyezi batotejwe mu ngo zabo imbere yuko bagandagurwa.

SBS News niyo yabaye iyambere kumenyesha ivy’ubwo bwicanyi muri Ruheshi 2020 mbere ubushakashatsi bwakozwe mu nyuma ku mfu z’abapfasoni bane bakomoka muri Aziya y’epfo bwerekana yuko hariho vyinshi bikwiye gukorwa mu ntumbero yo gukingira abakenyezi ba bangamiwe kurusha abandi muri kominote.
Mu gihe SBS yiteguriye kwerekana ireresi ifise ibice vyinshi bise What You Made Me Do muriyi ndwi izokwisunga ku mabi akorerwa mu ngo agakoresha uturorero two muri Whittlesea- SBS News yarasubiyeyo (Mur’ico kibano) kugira ngo irabe uko bimeze.

Haracariho ivyizigiro

Kuva ubwo bwicanye bubaye , imirwi yama kominote yo murako gace na cane cane amashirahamwe asanzwe agwanya amabi akorerwa mu ngo, bavuga yuko bariko barakora ivyo bashoboye vyose kugira hatagira uwundi muntu asubira kubura ubuzima bwiwe.

Bavuze yuko ibikorwa vyo guhangana nayo mabi akorerwa abakenyezi babimukira  cane cane bitegerezwa gutangurira mu mizi.
Madhuri Maskey runs a series of events and workshops for South Asian women in the Whittlesea area.
Madhuri Maskey runs a series of events and workshops for South Asian women in the Whittlesea area. Source: Supplied
Iyo hageze ku mabi akorerwa mu ngo n’imiryango ishirahamwe Brotherhood rikorera St Laurence ryifadikanije na vyashizeho ikibanza aho abakenyezi baza buri ndwi kugira ngo bashobre gusangira n’abandi ivyo bacamo buri musi.

Ishirahamwe Oorja Foundation ntiriharanira inyungu za poritike rikaba ryitaho cane ibibazo bihaze kominote z’abimukira bava mu Buhinde basanzwe baba muri Melbourne. Kimwe mu vyo bakora ni hamwe no kugwanya amabi akorerwa mu ngo.

Iyo mirwi kandi yamenyesheje yuko guhangana n’ikibazo c’ukwigunga muri kominote ari ngirakamaro.

 “Ico tuzi nuko iyo umuntu ari wenye bigira uruhara runini mu gukorerwa amabi yo mu ngo, kandi turabona yuko iki ar’ikintu kidasanzwe, turiko turagerageza kugira ngo abakenyezi bashobore gutinyuka bityo bakabasha kuganira n’abandi,” Ivyo vyashikirijwe na Madhuri Maskey, uwujejwe ibikorwa mw’ishirahamwe Family Violence prevention group.
"Ico tuzi nuko ukwiherera canke kwikumira bifise uruhara runini mu kwongereza amabi akorerwa mu ngo n’imiryango…Rero turiko turagerageza kubwira abakenyezi basohoke mu mazu yabo bityo bashikirane n’abandi."

- Madhuri Maskey

Baratunganije ibikorwa bitandukanye nko kuryoherwa, inyigisho hamwe n’inyigisho zigamije kuzofasha abakenyezi bakomoka muri Aziya y’epfo kugira ngo bashobore gutahura amabi akorengwa mu ngo nkuko Australia ibitegekanya. Baranafasha abakenyezi gutahura uburenganzira bwabo ngaha muri Australia  hamwe na serivisi bemerewe  kandi zo bafasha  mu gihe bazikeneye.

Iyo mirwi kandi iranatunganya inyigisho zijanye nivy’ubutunzi hamwe n’ingene botunganya ivy’amafaranga yabo. Izo nyigisho zikaba ziri mu ndimi zitandukanye kugira ngo zikangurire benshi ibijanye n’ihohoterwa rifatiye ku mafaranga bityo bakasha guhumira no guha ububasha abakenyezi baturuka muri Aziya y’epfo.

Abakenyezi baterwa intege kuvuga

Karitiye za Epping na Mill Park ziri muri Komine Whittlesea nizo ziza ubwa kabiri ku rutonde rwahibonekeza amabi akorerwa mu ngo n’imiryango mu ntara ya Melbourne mu mwaka 2018 inyuma ya Huma yo yarifise ibirego birenga 3,100 nkuko bishikirizwa n’igiporisi.

Niho hantu hagwiriye abantu bava mu mihingo itandukanye kandi badasangiye imico n’akaranga mu ntara ya Victoria, aho igice c’abasanzwe baba murivyo bice bakoresha ururimi rundi atari icongerenza mu ngo zabo.

Baljinder n’umwe mu bakenyezi bari muriyo mirwi muriyo kominote. Yavuze yuko vyamufashije guhura n’abandi bari mu bihe nk’ivyiwe mbere binamufasha kwiga amategeko y’ibanze muri Australia.

“Hamwe n’uno murwi narize ingene kuvuga bifise akamaro, kuvuga vyonyene biraruhura.”

“Imiryango myinshi yaje ngaha ivuye hakurya y’amazi. Hariya, uguhohoterwa biharurwa mu gihe umuntu agukubise, ngaha abatunganya bino bikorwa batwumvisha yuko ubwoba canke kwumva yuko uwundi mu ntu akwamizako igitugu navyo ni bimwe murivyo.”

https://www.youtube.com/watch?v=NDOFqTRK5jc

Umurwi w’abakozi uyobowe na Melbourne Primary Health Network ukorera mu buseruko bw’ico gisagara, uwo murwi ukaba ukorana n’igiporisi caho, komine hamwe n’amashirahamwe afasha imiryango nayo ahura kenshi kugira ngo bashobore gutora inzira zirashe z’ingene bohangana nizo ntambamyi.

“Tumaze igihe dukorana n’abakenyezi bahurikiye mu mirwi y’abakenyezi bava muri Aaziya y’epfo na cane cane ishirahamwe Family violence group, twiga kwikingira ivyo tuma wiyaka ubuzima,” Ivyo vyashikirijwe na Rachel Hughes akaba ariwe ahagarariye porogaramu ifasha kwirinda kwiyahura.

“Ariko muri make turiko turakorana n’imirwi y’abakenyezi turondera uburyo twogabanya ibijanye no kwikumira/ kwigunga kugira ngo bihe ububasha abakenyezi bwo kumenyana hagati yabo bityo izo nyishu bazozibandanye mu misi ya kazoza.

Hariho vyinshi vyo gukora

Chris Howse wo muri Whittlesea Community Connections asanzwe akora mu bijanye no gutunganyiriza imiryango, niwe wa mbere yashikirije ibirego vyerekeye ubwo bwicanyi urukiko Coroners Court of Vistoria, amenyesha yuko hariho vyinshi vyo gukora.

Arasaba igiporisi co muri Victoria gushira mu ngiro ivyo urwo rukiko rwatanze nk’ivyipfuzo haheze amezi indwi.

Muvyo urukiko rwo muri Coroner rwashikirije biciye kuri Audrey Jamieson, rwasavye yuko igiporisi co mu ntara ya Victoria, coshiraho umurwi ujejwe gutohoza ivy’amabi akorerwa mu ngo n’imiryango, kugira ukore amatohoza ku mpfu z’abakenyezi baza bavuye hakurya y’amazi hama bakicirwa ngaha. Kenshi baba bakomoka mu bihugu bifise imico n’akaranga bitandukanye aho vyibonekeza yuko amabi yakozwe mbere mu muryango canke ukwigunga navyo bishobora kuba ari bimwe mu vyongereza.

READ MORE

Mur’izo manza uko zari zine, umucamanza Jamieson yanzuye yuko “ivyemezo bitari bifise uburemere buhagije kugira ngo vyemeze yuko amabi akorerwa mu ngo n’imiryango arivyo ntandaro” mur’izo mpfu. Hamwe n’ivyo yemeje yuko harimwo ibirego bikomeye ariko kandi mu rundi rubanza ngo ibirengo vyatanzwe ntivyashoboye kunywana n’ivyo umugabo w’umwe murabo bitavye Imana yashikirije, kandi ngo ntamishikirano yariho mu bavvandimwe biwe nkuko vyashikirijwe n’igiporisi ca victoria.

Murundi rubanza, Jamieson yavuze yuko ibirego bifatiye ku mabi akorerwa mu ngo navyo ntivyashoboye guhura n’ivyo umugabo, umwana, umwishwa hamwe n’abandi mu muryango wa nyakwigendera bashikirije nkuko ico giporisi ca vitoria kibivuga.

“Ntibishemeye bikwiye” Howse yagize at :” Harimo vyinshi cane”

“Imwe mu mpamvu urukiko rwa Coroner rwasavye igiporisi ca Victoria gushiraho umurwi ujejwe gukurikirana ivy’amabi akorwa mu ngo  mu bihe nkibi ni kugira ngo bashobore kwemeza ibishoboka nk’impfo zijanye nayo mabi. Mu gihe bavyemeje n’uvuga yuko boba babonye yuko iryo hohoterwa rifitaniye isano ubwo bwicanyi”
Mw’itanganzo ryashikirijwe n’uwuvugira igiporisi ca victoria ryagize riti:”rihaye ikaze ico cose cofasha kugira igiporisi gitabere mu maguru masha mu bijanye n’amabi akorerwa mu ngo” mbere “ kikaba kiriko kirasubiramo ico cipfuzo c’urukiko Coroner kugira ngo bashobore gusubiramo ingene bakora ibijanye n’amatohoza y’impfo ku rwego mpuzamakungu harimwo n’ukwiyahura”

Ntibashoboye gutanga impamvu ki ico  gisabo c’urukiko kitarashorwa mu ngiro

Jamieson kandi akaba asaba igisata kijejwe amagara y’abantu kugira ngo gisubiremo uburyo serivisi yo gushigikira abantu muvy’amagara yacu hamwe n’ukugubwa neza ku kabakenyezi bakomoka muri Aziya y’epfo basanzwe baba muri Whittlesea harimwo no gukorana “n’abandi bantu bantu batanga serivisi hamwe n’ayandi mashirahamwe, kugira ngo bashobore bashobore gutora uburyo bwihuta bwo gufasha abo bakeneyezi bava muri Aziya y’epfo kugira baronke kandi bashikirane nizo serivisi” ivyo bikaba vyemewe n’ico gisata. 

See What You Made Me Do premieres at 8:30pm on Wednesday 5 May on SBS and SBS On Demand. Find out more at

If you or someone you know is impacted by sexual assault, family or domestic violence, call 1800RESPECT on 1800 737 732 or visit . In an emergency, call 000. 

Readers seeking support can contact Lifeline crisis support on 13 11 14, Suicide Call Back Service on 1300 659 467 and Kids Helpline on 1800 55 1800 (for young people aged 5 to 25). More information is available at and .


Share
Published 28 May 2021 12:55pm
Updated 28 May 2021 1:17pm
By Lin Evlin
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends