Imisi itanu inyuma y’amatora yabaye kuwa 20 Rusama 2020 mu Burundi, umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI (Commission Electorale Natinonale Independante) waciye ushikiriza ivy’imfatakibanza ibiharuro vyavuye murayo matora, unashikiriza uko aba kandida bose uko ari indwi barushanije.
Bikuru bikuru
- CENI yashikirije ivyavuye mu matora yo kuwa 20 Rusama
- Imigamwe hamwe n’inani zirashikiriza aho zihagaze inyuma y’ibitigiri vy’imfatakibanza
- Agathon Rwasa yashikirije ibirego simusiga muri sentare
Mu birori vy’itabiriwe n’abahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu co kimwe n’abandi banyecubahiro batandaukanye kw’ihoteri Club du Lac Tanganyika, umurwi CENI warashikirije yuko umu kandida yaserukiye umugambwe CNDD-FDD uri k’ubutegetsi Jenerare Majoro Evariste NDAYISHIMIYE ariwe ari kw’isonga n’amajwi angana 68.72% akurikirwa n’umugambwe utavuga rumwe n’uwuri k’ubutegetsi CNL urongowe na Agathon Rwasa yatahukanye amajwi 24.19%.
Inyuma y’ivyo bitigiri vy’imfatakibanza, yaba abaserukiye imigambwe co kimwe n’inani zitandukanye zari zitabiriye amatora yo kuwa 20 Rusama uyu mwaka zarashize ahabona amatangazo ajanye nuko bakiriye ivyavuye mu matora. Uwurongoye urunani COPA, Hon. Jean De Dieu MUTABAZI akaba yarakiriye neza amajwi urunani arongoye rwaronse, aho yagiriye inama abandi avuga ati:
“kubatishimiye ivyo bitigiri ngo barashobora kwitura urwego rujejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro. ”
Aloys BARICAKO arongoye urunani KIRA-BURUNDI nawe akaba yaramenyesheje yuko urunani arongoye rwishimiye ivyavuye mu matora hirya yuko urwo runani rwari rwakuwe mu rutonde n’umurwi CENI ujejwe gutegura amatora ariko mu nyuma uyo murwi ukaba warashoboye gusubiza urwo runani k’urutonde rw’abandi bazohiganirwa ico kibanza c’umukuru w’igihugu. Mw’ijambo urwo runani rwashikirije rukaba rwashimiye abarutoye runavuga yuko rushimishijwe n’ikibanza ca kane rwaronse.
Abatari bake barashoboye kuvuga uko babibona. Uwigenga Dieudonné NAHIMANA mw’ijambo yashikirije yahamagariye umurwi CENI kwemanga yuko ayo matora yaranzwe n’utunenge tutari duke, ariko ngo ko utwo tunenge tutocishamo umurongo mu matora yose yabaye. Nawe akaba yahamagariye abatanyuzwe n’ivyavuye mu matora kwitura ababijwe. Abicishije k’urubuga rwiwe rwa Twittwer NAHIMANA yavuze ati
“ Tuzoharanira gukora dushira imbere amahoro”
Agathon Rwasa, umukandinda wa CNL we akaba amaze gushikana ibirego vyiwe muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, aho avuga yuko umugambwe aserukira ufise ivyemezo ntamusiga yuko umurwi CENI utashikirije ibitigiri nyavyo vyavuye mu matora inyuma yo kwakira ivyegeranyo vy’abaserukiye uyo mugambwe mu gucungera amatora. Rwasa abajijwe ico azokora mu gihe iyo sentare ito mutunganyiriza, umukuru w’umugambwe CNL yavuze yuko azitura sentare iri mu buseruko bw’Afrika I Arusha muri Tanzania.
Mw’itanganzo abaserukira ishengero katorika mu Burundi bashikirije nabo barashikirije ibitari bike vyaranze amatora aho iryo tangazo rivuga yuko ayo matora yaranzwe n’utunenge tutari duke.
Mwomenya yuko ayo matora yitabiriwe n’abarundi barenga i miriyoni 5 100 000 kandi yuko ibiharuro vy’uwatsinze ayo matora bizoshikirizwa itari 4 Ruheshi 2020.
Izindi nkuru wo kwumviriza