Feature

Serivise z’uburwayi bwo mu mutwe muri Australia mu rurimi ukoresha

Abantu baba muri Australia bavuga ururimi rundi rutari icongereza, barashobora kuronka ubufashwa bujanye nizo ndwara mu rurimi bakoresha. Rondera ingene wokwironkera izo serivisi mu ntara ubamo canke igisagara.

Man in mask.

Man in mask. Source: Getty Images

In this article...

Hari  ahatari hake ibi bikenwe, uhereye ku ngorane zijanye no kugira indwara zo mu mutwe biturutse kuri coronavirus, ukwihebura hamwe no kwamana umushiha, gushika ku ndwara zifatira mu mutwe n’izindi usanga umuntu ahidagurika bidatahuritse, uguhahamuka bivanye n’ibibazo waciyemo, umuntu kutitahura.

Hariho serivisi zitandukanye mu gihugu cose kandi mu ndimi zitandukanye kandi akenshi zitwarwa ku rwego rw’intara

Kenshi , amashirahamwe usang adafise abasemuzi/ abasiguzi bayo, rero gutyo bagakoresha serivsi y’urwego rufashwe mu mugongo na reta rusanzwe rukora ibikorwa vyo gusemura canke gusigura izwi nka Translating and Interpreting Service- TIS , riakaba ritanga ivyo bikorwa haba kuri terefone canke bakagusanga aho uri, ibikorwa bikorwa mu ndimi zirenga 150.

 Ku rwego rw’igihugu, Mental Health in Multicultural Australia (MHiMA) nayo iratanga amakuru mu ndimi zimwe :  .

Umurwi Australian Services for Survivors of Torture and Trauma (FASSTT) n’ishirahamwe ryagutse rihurikiyemo ayandi mashirahamwe umunani y’abahinga mu gusubiza abantu ku murongo, agafasha no  mu bikorwa vyo kuzana muri Australia (guha ubuhungiro) abahohotewe bakaborezwa igufa hamwe n’abahahamuwe. Benshi mu bitura FASST baza nk’impunzi muri Australia  canke nkbahawe ubuhungiro bafashwe mu mugongo n’amashirahamwe mpuzamakungu. Muri buri ntara hamwe n’ibisagara vya Australia hariho umuntu umwe aserukiye iryo shirahamwe: 

Amashirahamwe ku rwego rw’igihugu afasha kandi atanga za serevisi zijanye n’uburwayi bwo mu mutwe ushobora guhamagara               

Beyond Blue yorohereza mu gusigura amakuru mu ndimi zitandukanye:

Igisata c’amagara y’abantu  carasemuye mu buryo butatu ibijanye n’isekeza ku ndwara zo mu mutwe kubera COVID-19 mu ndimi nyinshi cane:
New South Wales

NSW Mental Health Line

Iryo shirahamwe ryakira uwariwe wese ari mu ntara ya NSW kandi rikora amasha 24 imisi yose yo mu ndwi uhamagaye kuri 1800 011 511 

Transcultural Mental Health Centre (TMHC)

Iri shirahamwe rikorera mu ntara yose riharanira uburenganzira ku muntu wese ngo aronke serivisi z’indwara zo mu mutwe  ku bantu bava mu bihugu bitandukanye bakoresha ikirimi n’imico n’akaranga bitandukanye. Iryo shirahamwe rikaba rigira inama abantu kubijanye n’amagara yabo n’ico  bakwiye gukora, guteza imbere ibijanye no kwisuzumisha indwara zo mu mutwe,  gushira ahabona ivyofasha no guteza  imbere no kwigisha ibijanye n’izo ndwara. 

TMHC itanga serivisi k’ubuntu zikoresheje abakozi babo bavuga ikirimi kirenze kimwe  uhereye k’umuntu hama imiryanfi baba basanzwe bafise imigenderanire na NSW Health mental  service. Kugira ngo uronke iyo serivise, urakenera ikete uhawe na muganga mu gace ubamwo asanzwe avura indwara zo mu mutwe. Ukeneye umusemuzi wo muri TIS nawe wo muronka uciye kuri  ku ndimi zidakoreshwa n’abakozi ba TMHC.

Service for the Treatment and Rehabilitation of Torture and Trauma Survivors,

STARTTS

STARTTS itanga inyigisho zijanye n’indwara yo mu mutwe yisunze umuco n’akaranga vy’igihugu ukomokamo, vyongeyeko iryo shirahamwe nyene rirafasha abantu bahurikiye mu miryango (communauté) itandukanye gukira ibikomere batewe n’uguhunga, kwubaka ubuzima bwabo nk’abantu muri Australia.  Abasemuzi canke abasigura indimi zitandukanye bakora muri TIS nabo barahari kuri  kubakoresha indimi zitandukanye zidatavurwa n’abakozi ba STARTTS.

Victoria

Foundation House for Survivors of Torture

Irishirahamwe ritanga serivisi z’ubuntu ku mpunzi canke ku bantu bafise kahise k’impunzi. Izo serivisi ziri mu Congereza, Icarabu, Burmese, Hakha Chin, Dari, Karen, Persian, Swahili, Tamil and Tigrinya.

Rabira ngaha namba ufise ibisabwa kugira ngo wironkere izo serivisi: Ukeneye umusemuzi wo muri TIS nawe womuronka uciye kuri  ku ndimi zidakoreshwa n’abakozi biryo shirahamwe.

Intara ya Victoria irafise urutonde rw’amakuru ajanye n’indwara zo mu mutwe mu ndimi zitandukanye. N’umugambi washizweho na reta yiyo ntara ya Victoria hama ugashirwa mu ngiro na Centre fro Culture, iryo naryo rikaba uburenganzira mu buryo butagoranye bwo kwironkera amakuru yerekeye amagara y’abantu asemuye canke asiguye ari mu ndimi nyinshi: 

Amashirahamwe yandi abiri akorera mu ntara ya Victoria aratanga inyigisho zerekeye indwara zo mu mutwe ariko ntiritanga ubufasha mu buryo buboneka kubasanzwe bafise iyo ndwara.

Action on Disability in Ethnic Communities (ADEC) 

ADEC irimwo irindi shirahamwe rizwi nka Transcultural Mental Health Access Program (TMHAP) rifasha muvyerekeye kuronka uburenganzira kuri za serivisi zijanye n’amagara y’indwara zo mu mutwe  ku bantu bakomoka mu bihugu bitandukanye. Basanzwe bakorana n’imiryango (Communautés) zitandukanye kugirango bashobore kumenyekanisha ibibazo bijanye n’indwara zo mu mutwe co kimwe n’ingene umuntu ashobora gufashwa n’abasanzwe batanga izo serivisi z’abakora murico gisata.

Barafasha no muri serivisi zijanye nivy’indwara zo mu mutwe mu gushiraho imigambi yofasha mu gutanga inyishu n’uburyo iyo miryango yovyifatamo 

Victorian Transcultural Mental Health (VTMH)

Iryo shirahamwe ryari rizwi nka Victorian Transcultural Psychiatry Unit (VTPU), ubu iryo shirahamwe rikorera mu ntara ya Victoria rikaba rifasha muri serivisi ijanye n’indwara zo mu mutwe hamwe no gufasha abasanzwe bakora n’abagendana ubumuga basanzwe bakomoka mu bihugu bifise imico n’akaranga bitandukanye abitwa aba (CALD)( culturally and linguistically diverse) mu congereza

Iryo shirahamwe kandi rirafise serivisi z’abakozi, serivisi zijejwe iterambere ry’imiryango, indero n’ibindi:  

Queensland

Queensland Transcultural Mental Health Centre (QTMHC)

QTMHC n’ishirahamwe ry’abahinga rikorera mu ntara hose rijejwe kuraba yuko abantu  basanzwe bafise imico n’akaranga bitandukanye baronse ubufasha ku ndwara zo mu mutwe bujanye n’imico n’akaranga kabo

Riratanga n’amakuru asemuye mu ndimi zitandukanye:  co kimwe n’abakozi babahinga biciye mu burungozi bw’abatunganyabikorwa bo k’umutumba ubako :  

Queensland Program of Assistance to Survivors of Torture and Trauma (QPASTT)

Ishirahamwe QPASTT ritanga serivisi akenshi ryisunze imico mu guteza imbere amagara y’abantu ku bantu bahohotewe bakaborezwa igufa canke bakubaguwe n’impunzi imbere yuko bashika muri Australia

Baratanga n’impanuro ku buntu co kimwe n’imfashanyo yo mu kibano mu gufasha abarokotse, harimwo no kubagira inama :  

Ishirahamwe risanzwe rikorera muri Brisbane ryitwa Wolrd Wellness group rirafise urutonde rw’inyigisho ku bantu basanzwe bakomoka mu miryango ifise imico n’akaranga bitandukanye:

  • Multicultural Psychological Therapies program : itangwa ku bantu bafise imico n’akaranga bitandukanye muri Brisbane yo mu buraruko hamwe no mu karere kamaj’epfo. Batanga inyigisho bisunze imico n’akaranga mu buryo butomoye kugira ngo abafise indwara yo mu mutwe bashobore gutahura: 
  • (Amagara y’impunzi hamwe n’abasaba ubuhungiro)Refugee and asylum seeker health: Ritanga impanuro zishingiye ku myemerere y’imico n’akaranga muganga atisunze ibimenyetso vy’uburwayi gusa, impanuro zishingiye k’umuryango na cane cane hisunzwe aba bangamiwe cane kugira ngo hagabanywe ingaruka z’igihe kirekire zijanye n’indwara zo mu mutwe: 
  • Serivisi z’amagara y’abantu kub’abanyeshuri mpuzamakungu: Nk’abahinga mu bijanye n’amagara y’abantu bafise imico n’akaranga bitandukanye, izo serivisi zirashobora gukoreshwa n’abanyeshuri bafise imico n’akaranga bitandukanye basanzwe bakomoka mu bindi bihugu bakoresheje ikizwi nka Overseas Student Health Cover (OSHC): 
  • Culture In Mind n’ishirahamwe rifatiye ku miryango risanzwe ritanga impanuro hisunzwe imico n’akaranga vy’abasanzwe baryitura bakomoka mu bihugu bitandukanye bafise imico n’akaranga bitandukanye kandi basanzwe barengeje imyaka 18, baka basanzwe baba mu karere ka Greater Brisbane. 
Harmony Place

Harmony Place n’ishirahamwe rya reta rihurikiyemo imiryango myinshi ifise imico n’akaranga bitandukanye kandi isanzwe ikomoka mu bihugu bitandukanye. Iryo shirahamwe ritanga serivisi z’ianye n’indwara zo mu mutwe akenshi usanga ar’inkora mutima hisunzwe imico n’akaranga n’akaranga bitandukanye. Bakorana n’abafise imyaka 12 harimo abimukira hamwe n’abana babo, impunzi, abarondera ubuhungiro, abari kuri za viza z’imyuga kanaka hamwe nabo bubakanye. Bakorera ku butaka bw’intara ya Queensland hose ariko na cane cane bagashimikira ku mico itandukanye y’abasanzwe baba mu turere tw’amaj’epfo mu buseruko muri Brisbane muriyo ntara ya Queensland na cane cane muri Logan, Ipswich no muri Goldcoast. 

1300 MH CALL (1300 642255) n’inimero wohamagarako kandi ivyo wavuganye kuvyerekeye amagara y’indwara zo mu mutwe navyo bikaguma mw’ibanga. Serivise y’iyo nimero ikaba ikorera ku bari mu ntara ya Queensland mbere bakaba ari nabo baguha impanuro yaho woronderera serivise zogufasha mur’ivyo bibazo vy’indwara yo mu mutwe . Abasemuzi canke abasigura ikiri uvuga bo mw’ishirahamwe TIS nabo baraboneka 

Northern Territory

MHACA (central Australia)

Serivisi za MHACA zagenewe abasuzumwe kandi bikemezwa yuko bafise indwara zo mu mutwe bakaba banafise imyaka 18. Kubipfuza serivisi zo gusemura canke gusigura mu zindi ndimi bategerezwa kubisaba hama bagahabwa umwanya. Abakozi bakora murico gisata bavuga indimi nk’Igishinwa, Urdu, Irish, hamwe na Hindi: 

TeamHealth (Darwin)

Ishirahamwe TeamHealth riratangserivisi hamwe no gufasha abenegihugu basanzwe baba muri Nothern Territory baba bashaka kumenya vyinshi kuvyerekeye indwara zo mu mutwe canke aba bangamiwe kurusha abandi co kimwe nabafise amikoro make:  Ishirahamwe TIS rifasha gusemura mu ndimi zitandukanye naryo riratanga iyo serivisi. Ugiye k’ubuhinga ngurukanabumenyi iryo shirahamwe rirafise uburyo budasanzwe bwo gusemura mu ndimi zirenga 80 ikibiriraho: 

Melaleuca Refugee Centre

Iri n’ishirahamwe ridaharanira inyungu za poritike zitanga serivisi mu zifasha ba ntahonikora canke  kimwe no ku miryango y’impunzi n’abimukira. Batanga serivisi zo k’ubuntu ku miryango, abakuze, imiyabaga hamwe n’abana: 

The Northern Territory Mental Health Coalition (NTMHC)

Ishirahamwe NTMHC n’ihuriro ry’amashirahamwe ahuriyemo amshirahamwe atandukanye asanzwe y’itwararika abagendana indwara zo mu mutwe mu miryango (communautés) yose muri Northen Territory 

Ushobora kwakura kuri mugihe ushaka kuvugana n’abakora muriryo shirahamwe ryo muri Nothern Territory kuri: 1800 682 288

Ukeneye Serivisi za reta kubijanye n’amagara y’indwara zo mu mutwe ja kuri Mental Heatlhline kandi izo serivisi zirafise abasemuzi mu gihe cose woba ubakeneye: 
Western Australia

Association for Services to Torture and Trauma Survivors (ASeTTS)

ASeTTs itanga serivsi itisunze ibimenyetso gusa ahubwo ifatiye ku mico n’akaranga vy’umuntu. Iryo shirahamwe rikaba rifasha abacitse kw’icumu ry’uguhohoterwa mu mpunzi kungira ngo babashe kwiyubaka ubugira kandi. Naryo rikaba ritanga serivisi muri zino ndimi zikurikira Ikirundi, Dinka, Caren hamwe n’Icarabu. 

West Australian Transcultural Mental Health Centre

Iyi serivisi iboneka mu bitaro vyiswe Royal Perth Hospital kandi igatangwa mu mice itatu gusa inyuma yaho umurwayi asezerewe mu bitaro. Abasemuzi baraboneka haba mu maso mu yandi canke biciye kuri terefone:  

Tasmania

Phoenix Centre

Rikorera mu kigo ca Migrant Resource Centre rikaba ritanga abahinga batanga serivisi kubaborejwe igufa bakarokoka. Rikaba ritanga n’impanuro hamwe n’izindi nyigisho harimwo n’imigambi ishigikira amagara y’abantu co kimwe n’imiryango (kominote). Abakoi bakorera Phoenix bakaba baba muri Hobart na Launceston kandi rikaba ritanga serivisi zayo mu ntara yose: 

Reta yo muri Tasmania isanzwe itanga serivisi zijanye namgara y’indwara zo mu mutwe risanzwe ryitaho abasanzwe baba ngaho bafise indwara zo mu mutwe ziri ku rwego rwo gehuju usanga bagwariye ahantu canke muri miryango biciye mu bitaro vya reta  canke muyandi mashirahamwe ya reta ajejwe amagara y’abantu, canke abahinga bigenga canke abaganga b’imiryango bazwi nkaba GPs (General Practitioners).

Ushaka ingene woronka ayo n’ayandi makuru kubijanye n’amagara y’indwara zo mu mutwe  ja kuri:  ushaka kugenekerezwa n’uwundi mugandan urashobora guhamagara 1800 332 388

Australian Capital Territory (ACT)

Companion House, ifasha abarokotse ihohoterwa no kuborezwa igufa

Iryo shirahamwe ritanga impanuro kandi rifashwe mu mugongo n’abakozi basanzwe bafasha abagenda ubumuga bujanye n’indwara zo mu mutwe kugira ngo bashobore gukorana n’abarondera ubuhungiro co kimwe n’impunzi. Companion House ifise intumbero yo gufasha abantu gno bashobore kwiyubaka mu vy’ubuzima bwabo kandi muri Australia, gufasha  mu bihe bigoye co kimwe n’ingaruka z’ingorane baciyemo muri kahise.

Abahanuzi bakorana hamwe n’abanjiye mu gihugu ari bashasha co kimwe n’abasanzwe bamaze igihe bahaba kandi bakaba bafise n’abahinga abkorana n’abakuze, imiyabaga co kimwe n’abana.  Reta yi Canberra isanzwe ifise igisata kidasanzwe kijejwe amagara y’indwara zo mu mutwe, ico gisata urashobora kuvugananabo biciye kuri (1800 629 354 or 02 6205 1065) canke uciye kuri buno buhinga ngurukanabumenyi 

South Australia

Relationships Australia

Ishirahamwe Personal Education and Community Empowerment (PEACE) serivisi zayo zikorana n’imiryango ikomoka mu bihugu bitandukanye bikaba bifise imico n’akaranga mbere binakoresha ikirimi bitandukanye. Hatarinzwe kwisunga viza aba nabariya bariko, PEACE itanga serivisi ifasha abantu, imiryango hamwe naza kominote: 

Survivors of Torture and Trauma Assistance and Rehabilitation Service, STTARS

STTARS n’ishirahamwe  ritanga impanuro ku bantu basanzwe ari impunzi co kimwe n’abafise kahise k’ubuhunzi mu kubashigikira  mu kwiyubaka  no gukira ibiguma vya kahise. Izo serivisi zabo ni ku buntu kandi umuntu wese arashobora kuyironka hirya y’igihe umaze muri Australia. Hamwe n’ivyo hariho urutonde abantu bakurikiriza mu kurindira ko bashikirwa muriryo ngo baronke serivisi ziryo shirahamwe STTARS, hatorwa abakeneye izo serivisi hisunzwe abasinzikaye cane kurusha abandi.

Serivisi za STTARS ni k’ubuntu, kandi uyihabwa uyikeneye, ivyo bikorwa bigakorwa mw’ibanga n’abahinga babifitiye ubumenyi hamwe n’abasemuzi canke abasigura mu bindi birimi.

Barafise n’izindi serivisi zikorana n’abana hamwe n’imiyabaga, imiryango hamwe n’abasaba ubuhungiro: 



  • Abantu bose muri Australia bakwiye kwubahiriza ni buri buri imetero 1.5 hagati yabo n'abandi bantu. Raba ngaha kugira ngo umenye ibitemewe mu ntara ubamo: https:
  • Ugusuzumwa Coronavirus ubu birashoboka hose muri Australia. Namba ufise ibimenyetso vy'ibicurane n'ugukanya, gerageza guhamagara muganga wawe guto mubashe guhana isango canke uhamagare ikigo kijejwe gutara amakuru kuvyerekeye coronavirus ku rwego rw'igihugu biciye kuri 1800 020 080
  • Kwisuzumisha Coronavirus ubu bikorerwa hose k'ubutaka bwa Australia. ukaba ufise ibimenyetso vy'ibicurane canke vy'umuriro Raba ingene wohamagara muganga wawe canke uhamagare abajejwe gutanga amakuru kuri Coronavirus kuri 1800 020 080. Application reta yashizeho yitwa COVIDSafe iraboneka kandi urashobora  muri terefone yawe ngemdanwa.
  • SBS yiyemeje kumenyesha ama kominote canke imiryango itandukanye muri Australia ku bijanye n’ikiza COVID-19 k’umusi k’umusi. Amakuru atandukanye woyasanga mu ndimi 63. 

Share
Published 15 June 2020 10:37pm
Updated 18 July 2021 2:22pm
By SBS/ALC Content
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS


Share this with family and friends