Ni igiki catwaye abasirikare 600 ba Australia mu Rwanda nyuma ya jenocide?

Abasirikare ba Australia barafashije inyuma y'ubwicanyi bwabereye ikibeho mu Rwanda 1995, amezi umunani nyuma ya jenoside yabaye mu 1994. Uno musi hakaba hari hateguwe ibirori vyo kubibuka no kubashimira vyabereye ku murwa mukuru i Canberra. Ivyo birori vyitabiriwe n'abatari bake mu bategetsi ba Asutralia harimwo n'uwuhagarariye inyungu zu Rwanda muri Australia.

A team of  veterans from the Australian peace keepers during the 25 anniversary of United Nations Mission in Rwanda (UNAMIR) commemorative service in Canberra

A team of veterans from the Australian peace keepers during the 25 anniversary of United Nations Mission in Rwanda (UNAMIR) commemorative service in Canberra Source: Jean Paul A Nizigama

Ibice vyinshi kw'ijana vy'abantu ubajije  kahise ku Rwanda, benshi  muvyo bakubwira ntibokwibagira kuvuga jenocide yabaye mu 1994, aho bivugwa yuko abantu barenga 800 000 bishwe. Amezi umunani jenoside ibaye, Australia yararungitse abasirikare 600 kugira ngo baje gufasha mu bikorwa vyo kubumbatira amahoro n'umutekano. Ahitwa i Kibeho, mu Rwanda ni hamwe aho izo ngabo zahawe abantu ibihumbi n'ibihumbi ngo babacungerere umutekano harimwo abagore n'abana. Mu 1995, jenoside imaze kurangira, abantu bitwaje ibirwanisho baraje bica abo bantu ibihumbi n'ibihumbi bari murico kigo....ivyakurikiyeho ni mu kiganiro cacu turiko turabategurira. Bimwe muvyo abasirikare ba Australia bakoze ni hamwe no gusukura ibitaro, kuvura abakomeretse...n'ibindi vyinshi


Share
Published 22 February 2020 7:34pm
Updated 22 February 2020 8:33pm
By Jean-Paul Amedee Nizigama
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama

Share this with family and friends