NSW ntawundi muntu arandura COVID-19 ariko n’ubu habuze isano hagati y'uwanduye niyo yazananye

Kwambara agapfukamunwa vyongeye inyuma y’umuntu yanduye COVID batazi iyo yazananye, ariko uwurongoye intara ya NSW akamenyesha yuko agihajwe n’ingene ibintu vyifashe.

NSW Premier Gladys Berejiklian speaks to the media during a press conference in Sydney on Thursday, 6 May.

NSW Premier Gladys Berejiklian speaks to the media during a press conference in Sydney on Thursday, 6 May. Source: AAP

Mu ntara ya New South Wales (Australia) nta wundi muntu aribonekeza ko yanduye umugera wa COVID-19, ivyo  nkuko vyashikirijwe n’uwurongoye iyo Ntara Gladys Berejiklian aka yanamenyesheje yuko vyamushimishije.

 

Nubwo bimeze bityo, ngo isano hagati y’umuntu  asanzwe aba mu burengerazuba bw’igisagara ca Sydney yabonetse yanduye hamwe n’uwundi yaje ava hanze ya Australia nawe afise umugera nk’uwuwo mugabo ngo n’ubu ntibiratahurika.

 

Abasanzwe baba mu gisara ca Sydney basubiriye kwambara agapfukamunwa haba mu vyuma vy’unguruza abantu rusangi, mu utuguriro co kimwe no mu gihe uhuriye muri taxi n’uwundi muntu, mu gihe abahinga mu vy’ubuvuzi bakigerageza kwibaza ingene uwanduye COVID-19 yavuye mw’ihoteri aho yari yahawe amategeko yo kugumamwo agaca mu ryahumye akanduza uwo mugabo. 

Uwo mugabo, ari mu myaka 50 nawe yandukije umukenyezi wiwe.

Ivyo biruko mu gihe igisata kijejwe amagara y’abantu muri NSW kitashoboye kubona uwundi muntu  yanduye mu kiringo c’amasaha 24 aheze gushika sa mbiri z’ijoro riheze kuwa kane mu bipimo birenze 13,000.
Amabwiriza mashasha agenga Greater Sydney yongeye gushirwaho kur’uyu wa Gatatu harimwo no kwambara agapfukamunwa mu gihe cose uri imbere mu nzu co kimwe no mu vyuma vyunguruza abantu rusangi, urugo ntirukwiye kurenza kwakira abantu 20 kandi henshi mu bibanza baririmbamwo no gutamba bikaba bihagaritswe. 

Abantu bose bari mu buriro buzwi nka Heymarket restaurant XOPP kuwa Gatatu uheze hagati y’isaha 1.30pm na 2.30pm bahawe itanganzo n’abajejwe amagara y’abantu ngo babashe kwisuzumisha hama bishire mu kato gushika baronse inyishu yemeza yuko batarwaye.

Intangazo nk’iryo nyene ryarahawe uburiro buzwi nka Bondi Trattoria iri kuri Bondi Beach kw’itariki 29 Ndamukiza hamwe na Fratelli Fresh iri mu gisagara hagati ca Sydney kw’itariki 27 Ndamukiza.

Ibibanza bitari bike navyo vyagiye k’urutonde rw’ahantu bafise incuti zabo murizo zari mur’ubwo buriro bashikirana , rero kubw’ivyo bakaba basabwe kwishira mu kato k’imis 14 hatibagiwe na Royal Sydney Gold Club, umuganga w’amaso mu gisagara ca Sydney hamwe n’ibindi bice vy’agace ka Paddington, Rushcutters Bay, More Park hamwe na Collaroy.
Hirya yivyo hariho n’ahandi hantu harimwo ibibanza bokerezamwo inyama muri Sydney ariko hoho ukwanduzanya biri ku rwego rwo hasi ariko kandi ngo abahagendeye bagasabwa kwishira mu kato gushika baronse inyishu z’ibipimo bivuga yuko batanduye.

Berejiklian akaba yamenyesheje ku wa Gatanu yuko ahimbawe  n’ingene ivy’ico kiza vyifashe.

“IVyumvikane yuko ikiduteye amakenga twebwe nuko  ni buri buri hariho umuntu umwe ari mu bandi ngaho mu kibano yikorera utwiwe mu misi iheze afise uwo mugera ariko nawe atabizi ko awufise… ashobora kuba arenze uwo umwe,” Berejiklian akaba yabishikirije kuri Nine Network.

“Ico dushaka kubwira abantu mi, genda muvyo usanzwe ukora misi yose, ariko wirinde.”
Igihugu ca New Zealandkikaba casavye guhagarika ibijanye n’ingendo na NSW kuwa Kane, kikaba cakuyeho ukutarihishwa kw’abantu baba bari mu kato bavuye muriyo ntara mu kiringo c’amasaha 48 uhereye kuwa Gatanu.

Mwomenya yuko Berejiklian yasavye abikorera utwabo kubandanya ibikorwa vyabo mbere anasaba abari biteguriye umusi wahariwe abakenyezi ngo bazogende aho bukera kuwa Mungu.

“Igihe cose duciye mu bihe nkibi hano muri NSW, ivyo twaciyemo biraduha isomo, tukiga dufatiye kuvyo twakoze neza canke tutakoze neza tukabitunganya, gutyo tugashobora kubikoresha muri kazoza,” nkuko vyashikirijwe na Berejiklian

New Zealand called a time-out on the travel bubble with NSW on Thursday, suspending quarantine-free travel from the state for 48 hours from Friday.

Ms Berejiklian urged businesses to stay open and Sydneysiders to show up for their Mother's Day reservations on Sunday.

"Every time we go through this in NSW, we learn from what we experience, learn from what we did well or didn't do well, then we can apply it into the future," Ms Berejiklian said.



Share
Published 8 May 2021 12:24am
Updated 10 May 2021 6:48pm
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS


Share this with family and friends