NSW yongereje izindi ndwi zibiri ku kiringo ca guma mu rugo, mu gihe habonetse abandi 97 banduye COVID-19

Abansanzwe baba muri Greater Sydney bagiye kuguma mu rugo mu gihe intara ya NSW ironse ibindi bitigiri vyabanduye coronavirus bigera kuri 97

NSW Premier Gladys Berejiklian is expected to announce a four-week extension to the Greater Sydney COVID-19 lockdown on Wednesday.

NSW Premier Gladys Berejiklian is expected to announce a four-week extension to the Greater Sydney COVID-19 lockdown on Wednesday. Source: AAP

Uwuserukira intara ya NSW Gladys Berejiklian yamenyesheje yuko ingingo yari ya guma mu rugo Greater Sydney yari irimo igiye kwongerezwako izindi ndwi zibiri, akaba yavuze yuko kuwa Gatanu itariki 30 Mukakaro aho niho vuba hashobora gutangura gukurwaho ibwirizwa rya guma mu rugo.

Ivyo bibaye gutyo mu gihe intara ya NSW ironkeye abandi bantu 97 banduye coronavirus ku wa gatatu, aho 24 mu rabo bari muri kominote kandi banduye.

Mirongo itandatu murabo bishize mukato ikiringo cose kuva bakimenya yuko banduye, indwi murabo bakaba barishize mu kato mu gihe c’umwanya muto, aho ni mu gihe amatohoza akibandanya ku bandi batandatu.

Kur’abo bose 97, mwomenya yuko 61 bizwi aho banduriye mu gihe 36 bakiri mu matohoza yo kumenya ivyabo.
“Ndatahura yuko abantu bateshejwe umutwe n’ibiriko biraba kandi bashavujwe n’ibibandanya gushika, mwomenya yuko nanje nyene ar’uko.”

“Nta numwe yipfuza kuba mur’ibi bintu”

Kwigira mu rugo bizobandanya mur’ico kiringo congerejwe c’indwi zibiri, kiretse abana b’abavyeyi bategerezwa kuja mu bikorwa vyabo.

Uwurongoye intara ya NSW ntiyatanze umuco ko iyo ngingo ya nguma mu rugo izobandanya, aho amenyesha yuko igitigiri c’abandura muri kominote nico kizogaragaza ingingo izofatwa.

“Igitigiri gitegerezwa kugera ku bantu 24 aho bimanuka bigahakwa gushika ku busa imbere yuko dukuraho ibwirizwa rya guma mu rugo,” ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Berejilkian

“Vyumvikane neza yuko tuzoraba uko ibintu vyifashe inyuma y’indwi zibiri gutyo dushobore gutanga ayandi makuru arenz’ivyo”
Uwujejwe amagara y’abantu mu ntara ya NSW Dr Kerry Chant yagize ati 70 mur’abo banduye bushasha n’abasanzw baba mu gace ka south-western Sydney.

“Ivyari bimenyerewe nuko abantu bakunda kwanduzanya usanga baba mu nzu imwe, ariko ubu haribonekeza abanduzanya biciye mu bibanza basanzwe baranguriramo ibikorwa vyabo,” niko yagize.

“Ku banduye bose uno musi, igitgiri kinini n’icabantu baba muri South-West Sydney, mbere benshi mur’abo basanzwe baba mu gace kegukira intwaro ya Fairfield .”

Intara ya NSW ikaba yashizeho itegeko ryo kwisuzumisha umugera wa COVID-19 ejo ha hise ku rabo bose basanzwe canke bafise ubuzi ari ngombwa yuko bajayo basanzwe baba mu gace kegukira intwaro ya Fairfield.

Ivyo vyabaye imbarutso y’imirongo miremire y’imodoka aho abantu bategereje amasaha menshi kugira ngo basuzumwe. Iyo mirongo ikaba yagarukira mu ma karitiye abantu babamo.
Long queues of cars are seen at a pop up Covid testing clinic at the Fairfield Showgrounds in Sydney on Wednesday morning.
Long queues of cars are seen at a pop up Covid testing clinic at the Fairfield Showgrounds in Sydney on Wednesday morning. Source: AAP
Abajijwe namba intara yari yiteguye mur’ico gikorwa co gusuzuma abantu, Berejiklian yamenyesheje yuko abagize umurwi wiwe bariko barakorana hamwe n’abajejwe inzego z’amagara y’abantu kugira ngo bamenye yuko hariho uburyo bukwiye no mu misi iri mbere.

“Turemera yuko abantu barindiriye umwanya muremure, ibi kandi vyaribonekeje muri Northern Beaches,” niko yagize.

“Ndasavye imbabazi namba har’uwo vyababaje.’

Mur’uno mwanya hariho abantu banduye coronavirus 71 mu bitaro mu ntara ya NSW, 20 mur’abo bakaba bari mu vyumba vyagenewe indembe.

Abandi 4 barimo ama mashini abafasha guhema.

Abantu barenga 65,000 nibo baje kwipimisha uyo mugera mu masaha 24 aheze.
NSW Chief Health Officer Dr Kerry Chant speaking on Wednesday morning.
NSW Chief Health Officer Dr Kerry Chant speaking on Wednesday morning. Source: AAP
Uturere duteye amakenga ni hamwe na Fairfield, Roselands,Rosebury, Canterbury, Belmore,  Sutherland Shire, St George area, Windsor, St Ives, Penrith hamwe na Bayside.

Dr. Chant yavuze yuko murabo 20 bari mu vyumba vy’indembe, umwe muribo ari mu myaka ya 20, ba biri bari muri za 30, abandi ba biri bari mu myaka 40, ba tanu muribo bari mu myaka 50 co kimwe n’abandi batanu bari muri 60, mu gihe batatu bari muri 70 hamwe n’abandi bari 80.

“”Impamvu inteye gusoma iyo myaka yabo bantu ni kugira ngo abantu bareke

kwibesha yuko COVID-19 ar’indwara ntoya cane mu runganwe ry’imyaka yawe,” niko yagize.

“Irashobora kuba indwara ikaze cane inasaba yuko bagushira mu vyumba vy’indembe. Rero ni ngombwa yuko dukingira imiryango co kimwe n’abavandimwe bacu, kandi ndabinginze ngo mu kurikize amabwirizwa canke impanuro muhabwa n’abajejwe amagara y’abantu”


Share
Published 14 July 2021 4:15pm
Updated 15 July 2021 11:56am
By Claudia Farhart
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends