Mu kiganiro umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yagiranye n’urwaruka, yamenyesheje yuko kuruhande rw’igihugu arongoye ata ntambamyi na nto zizohaba kugira ngo imigenderanire hagati y’Urwanda n’Uburundi isubire kunaguka. Ivyo akaba yabimenyesheje murico kiganiro cariko kiraba ikibiriraho kuri Instagram yiwe.
Mwomenya yuko imigenderanire y’ivyo bihugu yotosekaye cane mu mwaka 2015 aho ivyo bihugu vyose vyagirizanya guha indaro imirwi ihungabanya umutekano w’igihugu kimwe kimwe.