Rwanda: Paul kagame yiteguye kunagura imigederanire n'Uburundi

Mu kiganiro umukuru w'igihugu c'Urwanda yatanze yamenyesheje yuko igihugu ciwe citeguye kuganira n'inzego nshasha z'igihugu c'Uburundi

Umukuru w'igihugu c'Urwanda Paul Kagame aho yariko arashikiriza ikiganiro ikibiriraho.

Umukuru w'igihugu c'Urwanda Paul Kagame aho yariko arashikiriza ikiganiro ikibiriraho. Source: Flickr/ H.E Paul Kagame

Mu kiganiro umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yagiranye n’urwaruka, yamenyesheje yuko kuruhande rw’igihugu arongoye ata ntambamyi na nto zizohaba kugira ngo imigenderanire hagati y’Urwanda n’Uburundi isubire kunaguka. Ivyo akaba yabimenyesheje murico kiganiro cariko kiraba ikibiriraho kuri Instagram yiwe.

 

Mwomenya yuko imigenderanire y’ivyo bihugu yotosekaye cane mu mwaka 2015 aho ivyo bihugu vyose vyagirizanya guha indaro imirwi ihungabanya umutekano w’igihugu kimwe kimwe.


Share
Published 11 July 2020 1:39pm

Share this with family and friends