Umwe niwe yahitanywe na COVID-19 mu gihe 77 aribo banduye- ariko abarongozi bagabisha yuko "akari inyuma gahinda"

Inyuma yo gushira ku mugaragaro ibitigiri bishasha vy'abanduye uhereye kuwa mungu, uwurongoye intara ya New South Wales yagabishije yuko ibitigiri vy'abanduye "bigiye kuba vyishi kandi cane"

Greater Sydney has entered its third week of lockdown as COVID-19 cases continue to rise.

Greater Sydney has entered its third week of lockdown as COVID-19 cases continue to rise. Source: AAP

Umuntu umwe yapfuye ,abandi bagera kuri 77 barandura COVID-19 muri New SouthWales mu gihe Greater Sydney yinjiye muri guma rugo ku ndwi ya gatatu.

Umukenyeziari muri za 90 aba muri Southewest mu gisagara ca Sydney, yanduye COVID-19 ayitewe n’umuntu bahuye murako gace abamo kuwa Gatanu none yaraye yitavye Imana  kuwa gatandatu mu bitaro vyi Liverpool.

Birababaje, twaraye tubuze umuntu umwe ari muza bukuru nkaba nshatse guhoza umuryango n'incuti babuze” Ivyo bikaba vyashikirijwe n’uwurongoye intara ya NSW Gladys Berejiklian kuwa mungu, akaba yongeyeko yuko nyakwigendera yanduriye mu nzu iwe.

Uwujejwe amagara y’abantu Dr. Kerry Chant yavuze ati “vyumvikane”nyakwigendera ntiyari bwa candagwe.
Berejiklian yavuze yuko ibitigiri vy’abanduye  mu ntara ya NSW bishobora kurenga 100 aho bukera ejo kuwa mbere, yamenyesheje yuko “azotangara mu gihe ivyo bitigira vyoba bike”  ahubwo agabishije yuko ibitigiri vy’abanduye bizokwiyongera musi iri imbere kandi yuko “ bizoba bikomeye cane kurusha ivyo twabonye uno musi”

 “ Twashaka guhimiriza abantu atari ugukurikiza ibisabwa gusa ahubwo no kwiyumvira kubazosinzikara kurusha abandi… iyumvire incuti yawe ya hafi, abakwegereye cane mu buzima bwawe. Nibo bantu bazosinzikara cane.” niko yagize.

Uwurongoye intara ya NSW yamenyesheje yuko benshi mu banduye arabo mu gace ka Southwestern muri Sydney, aho hibonekeje benshi banduye mbere abantu benshi bakaba baraneguye ingingo yo kwongereza abaporisi murako karere.
Dr Chant yagize ati murabo 77 banduye, nuko abarenga 50 banduye biciye mu miryango yabo.

“Ibi vyerekana uburemere dukwiye gushira mukutishira canke ngo dukwegere incuti n’abagenzi mu kaga. Ndabinginze mu gume mago yanyu, ivyo bisigura kuguma mu rugo rwawe,”niko yagize

“Ndazi yuko ivyo bishobora kugorana, bivanye n’ingene imiryango iri hafi na hafi”

Abajijwe namba ibitaro vyo murako karere ka Southwestern bifise ibikoresho vyangombwa bikwiye  kugira ngo bihangane n’abanduye ico kiza, nawe yishuye ati“birashoboka ko haba impinduka ntoya”

“Turafise uburyo bwo kwitwararika amagara y’abantu butomoye. Nibaza yuko ico ari kimwe c’inkomezi.  Tuzokora mu buryo dushigikira South-western Sydney kandi bamwe mu bagwayi bariko baragaburwa hirya no hino mutundi turere dutandukanye”
NSW Chief Health Officer Dr Kerry Chant.
NSW Chief Health Officer Dr Kerry Chant. Source: AAP
Ubu hari abagera 52 mu bitaro, murabo harimo 15 bari mu ndembe hamwe na batanu bari mu vyuma bibafasha guhema. Batandatu  mu bari mu bitaro bari musi y’imyaka 25.

“ Harimo abantu bari musi y’imyaka 55,”Dr Chant yagize ngo. “Ivyo bikureho ukwibesha yuko ari indwara y’abari muzabukuru gusa.”

Abajijwe namba ivyo bitigiri bishobora kugabanuka, yishuye ngo “bizofata imisi”

“Ibitigiri bishobora kwiyongera kubera yuko turiko turiko turagwiza ibitigiri vy’abisuzumisha umugera kugira turabe yuko twokwitanga ibitigiri vy’abanduye kwiyongera,”niko yavuze.

Dr Chant yahamagariye abamaze kuronka uruncanco rwa mbere rwa AstraZeneca kugira ngo baze kwiteza urundi rucanco rugira kabiri aho ubu hemezwa yuko urwo rucanco rwongereza inkomezi abasirikare bo mu mubiri.

Uwurongoye intara ya NSW yagiriye inama aba muriyo ntara “kwitegura”kuko ingingo yo kuguma mu rugo izokwongerezwa ikiringo kirenze icari categekanijwe ar’ico 16 Mukakaro.

“Nibaza yuko vyigaragaza yuko ibitigiri bitariko biraja aho twipfuza muraka kanya rero nipfuza yuko abantu bivyitegurira,”niko yashikirije.
Amategeko yo guhanahana umwanya hagati yawe n’abandi bantu yongerejwe umukazo ( )muri Greater Sydney hose, Blue Mountains, Central Coast, Wollongong hamwe na Shellharbour ku wa Gatanu. 

Abasanzwe baba mur’utwo turere bemerewe gusohoka mu mago yabo bisunze imwe mur’izi mpamvu zine: kwirondera ibipfungurwa hamwe na serivisi; ugiye ku kazi canke kw’ishuri mu gihe bidashoboka yuko ubikorera mu rugo; kwivuza canke kwitaho uwurwaye canke kwinonora imitsi.

Kwinonora imitsi ubu vyashizweho umukazo, hakaba hemerewe ba biri gusa, abo nabo bakaba batemerewe kurenga ibirometero 10 hisunzwe akarere k’uburongozi bw’intwaro basanzwe babamo.

Kuja gufasha umuntu yagize ingorane n’imidoka yiwe ntivyemerewe hagati y’abantu bataba mu nzu imwe, hamwe n’ibirori vyo gupfuba bidakwiye kurenza abantu cumi.

Abasanzwe baba mu gisagara ca Sydney bategetswe kwambara agapfukamunwa mu gihe cose bari imbere mu mazu bariko barubaka canke mu mazu rusangi abantu basanzwe ba bamo azwi nka 'apartments.'

Urutonde rw’uturere tumaze kwibonekezamo ico kiza woturaba uciye ngaha .
Igiporisi co mu ntara ya NSW catanze ihadabu ku bantu bashika 106 ku bantu batubahirije amategeko ajanye no kwirinda yashizweho, harimo n'abakoraniye mu makoraniro ahuza abantu benshi muri Marrickville, Sydney Olympic Park harimwo na Merrylands.

Hagati aho, ikigega muri NSW Dominic Perrottet yemeje yuko reta izokwongereza igitigiri c'amafaranga atari make mu gufasha abikorera utwabo harimwo n'abantu ku giti cabo kubera yuko Greater Sydney ishobora kumara igihe kitari gito muri guma- rugo.

Yamenyesheje kuwa mungu yuko reta ya NSW ishobora kuzokwikora ku buryo bwa reta ya Australia kugira ngo ifashe  aho hose bizoba ngombwa.

"Biraboneka yuko tugiye gukora ibirenze, ukwo niko kuri," ivyo yabibwiye Sky News.

With AAP.


Share
Published 11 July 2021 5:14pm
Updated 15 July 2021 11:59am
By SBS News
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS News


Share this with family and friends