Burundi: Nahimana Dieudonné ati "Turipfuza kubona umurundi wese aroranirwa mu kibano no muri vyose"- None ngo bisigura iki?

Nahimana Dieudonné umu kandida yigenga mu matora Uburundi bwimirije mu ndwi iza

Nahimana Dieudonné umu kandida yigenga mu matora Uburundi bwimirije mu ndwi iza Source: Nahimana Dieudonné

Abarundi buca bihitiramo uwugiye kurongora Uburundi mu myaka indwi iri mbere. Muba kandida bose uko ari indwi, umwe wese afise imbonakazoza yashize imbere. Nahimana Dieudonné arasigura bimwe mu migambi yashize imbere kurusha iyindi. Uyo mu kandida yigenga asanzwe ari n'umwungere w'ishengero.



Share