Inkuka y'imisa yo gusabira Kizito Mihigo muri Australia: "Urupfu rwiwe ntirushingiye ku ndirimbo yasohoye"

A mass in honor of the late Kizito Mihigo at Sacred Heart Parish Cabramatta, Sydney- Australia.

A mass in honor of the late Kizito Mihigo at Sacred Heart Parish Cabramatta, Sydney- Australia. Source: Jean Paul Amedee Nizigama

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wu Rwanda, Faustin Twagiramungu n'umwe mubarungitse amajwi yo kwifatanya n'abatari bake bari bakoraniye mu nkuka y'imisa yo gusabira Kizito Mihigo yabereye Sydney- Australia. Abantu batari bake bashikirije ubutumwa bwo gutera intege abantu, gukomeza umurage w'urukundo, ubumwe n'ukunywana nyakwigendera yigisha. Hariho n'abandi hirya no hino kw'isi barungitse ubutumwa bwo kwifatanya n'abari bitabiriye iyo nkuka y'imisa yo kwibuka Kizito Mihigo. Murayo majwi habonetsemo abavuga uko bamenyanye na nyakwigendera Kizito, eka nuwo bapfunganywe nawe yashinze intahe murayo majwi yarungitse.



Share