Ireresi y'umurundi aba muri Australia yatowe muri Hollywood (USA)

Ibubamfu: Jean Paul Amedee Nizigama, iburyo: Jean Marie Ndayishimiye batazira John Kay ariko aravuga ivyerekeye ireresi COP'S ENEMY. Source: Agnes B.
Umuhinyanyuzi Jean Marie Ndayishimiye benshi bazi nka John Kay yakoze ireresi COP'S ENEMY akaba aba muri Australia. Iyo reresi ikaba yaratowe muzizokwerekanwa muri kuno kwezi hariya muri Hollywood muri reta nzunzubumwe za Amerika. Iyo reresi ivuga k'unkuru nyayo yabayeho, izokwerekanwa kandi mw'ihiganwa ryitwa African Film Festival i Dallas muri Amerika hagati y'itariki 2-6 Ruheshi 2020. Hama muri Hollywood izokwerekanwa kuri 22 Ntwarante 2020.
Share