"Nabonye mwene wacu arwaye COVID-19 ntaco nemerewe kumufasha kandi tubana mu nzu imwe,"

Umwigeme yicaye yicurikiriye ashize ikiganza mu gahanga, aboneka ko ababaye. Imbere yiwe hari igikombe.

Umwigeme yicaye yicurikiriye ashize ikiganza mu gahanga, aboneka ko ababaye. Imbere yiwe hari igikombe. Source: Anh Nguyen/unsplash

Inyuma yo kumenyeshwa yuko mutoya wiwe yanduye coronavirus, Kaneza Sandrine yababajwe no kubona mwene wabo aremvye, akorora, afise umuriro,...ariko atemerewe kumwegera. Ngo abavyeyi bashobora kuba bo batanduke kandi babana kubera bamaze kwikingiza urucanco rwa COVID-19.



Share